Accueil > Imibano > Ngozi:Umuryango w’umukuru w’igihugu waratanze imfashanyo ku bantu 500 (...)
 Ngozi:Umuryango w’umukuru w’igihugu waratanze imfashanyo ku bantu 500 batishoboye
 Ngozi:Umuryango w’umukuru w’igihugu waratanze imfashanyo ku bantu 500 batishoboye 
				
				mercredi 16 Nzero 2013
Mukurangiza akaruhuko yaramazemwo imisi,umukuru w’igihugu,Pierre Nkurunziza yarafashije abatishoboye bava ku mitumba yose ikukira komine Mwumba yo mu ntara ya Ngozi.
Kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 15 nzero umwaka wa 2013, umuryango w’umukuru w’igihugu waratanze imfashanyo igizwe n’ibitenge hamwe n’ubureta kubantu 500 batishoboye bavuye mu mitumba yose ya komine Mwumba mu ntara ya Ngozi.
Twobamenyesha ko ivyo yabikoze ku musi wanyuma,wo kurangiza akaruhuko kiwe , aho hakaba hari ku mutumba umukuru w,igihugu avukako.
Grace Irimbere
