Accueil > Imibano > Ngozi : Umutambukanyi w’umukuru w’igihugu yarafashije ba ntahonikora
 Ngozi : Umutambukanyi w’umukuru w’igihugu yarafashije ba ntahonikora
 Ngozi : Umutambukanyi w’umukuru w’igihugu yarafashije ba ntahonikora
				
				lundi 14 Nzero 2013
Mu ntumbere yo kubipfuriza umwaka mwiza,umutambukanyi w’umukuru w’igihugu Denise Nkurunziza k’umusi wa kane igenekerezo rya 10 Nzero, yarahaye infashanyo abatwa bo ku mutumba Kabarore zone Gatsinda,komine Mwumba yo mu ntara ya Ngozi hamwe n’abana b’impfuvyi bo mw’irerero Eh’ikirezi ryo muri komine Ngozi.
Mu rugendo rwiwe Denise Nkurunziza yarishikiye ku mutumba Kabarore aho imiryango 73 y’’abatwa yaronkejwe infashanyo igizwe n’ibiro 10 vy’umuceri n’imyambaro ibiri y’ibirato ku muntu.Akaba yamenyesheje ko ivyo birato babironse kugira bamenyere kugira isuku,kandi yongere yifatanye nabo mu kubipfuriza umwaka mwiza wa 2013.
Abana b’impfuvyi bo mwirerero ryitwa Eh’ikirezi riri muri komine Mwumba nabo nyene bakaba bararonkejwe infashanyo n’umukenyezi w’umukuru w’igihugu akaba yabarungikiye ibiro 200 vy’umuceri n’imyambaro igera kuri 38 y’ibirato. N’abo bana bakaba baronkejwe izo nfashanyo mu ntumbero yo kubipfuriza umwaka mwiza ,akaba kandi yarabemereye ko azogaruka niyo yasubira kuronka ico abafashisha.
Uwuserukira iryo rerero imbere y’amategeko Pacifique Nzoyisenga akaba yarashimiye cane umutambukanyi w’umukuru w’igihugu ko yiyunviriye kuri abo bana.
Mwomenya ko iryo rerero ry’impfuvyi ryatanguye mu mwaka wa 2008 ubu rikaba rifise abana 38 muribo hakaba harimwo udukobwa tubiri gusa. Abana 30 muri abo bakaba biga mu mashure matomato, 4 bari mu mashure yisumbuye, 2 biga mu mashure y’imyuga, 2 banyuma nabo bakaba batarakwiza imyaka yo gutangura ishure.
Pacifique Nzoyisenga akaba amenyesha ko bafise ingorane zo gufungurira neza abo bana no kubavuza kubera ingorane z’ubukene buri mu gihugu, akaba asaba ababishoboye ko bo bafata mu mugongo mu kuvuza no kuronsa ibifungugwa abo bana.
Marie Claire Ingabire

Messages
14 Nzero 2013, 08:10, par m.mahoro22@yahoo.fr
Imana imuhe umugisha
15 Nzero 2013, 01:29, par nhhgkj
Uburundi burakeneye abantu k’abo