IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubuhinga bwa none > ECONET Leo > Nzeyimana Guillaume niwe yatahukanye imiriyoni 10 mw’ihiganwa ni (...)

Nzeyimana Guillaume niwe yatahukanye imiriyoni 10 mw’ihiganwa ni "Hatari"

mercredi 4 Ruhuhuma 2015, par Egide N

Ihiganwa ni ’’Hatari’’ ry’amashirahamwe yo gutumatumanako Leo- Econet ryaraye rirangiye ku ntsinzi ya Nzeyimana Guillaume, yatahukanye agashimwe k’imiriyoni cumi z’amahera y’amarundi (10millions de francs bu).

Mu gatongo ko kuri uwu wa kabiri igenekerezo rya 3 Ruhuhuma 2015, umugabo yitwa Nzeyimana Guillaume, aba mu Ruziba, muri komine Kanyosha, mu gisagara ca Bujumbura, afise imyaka 34 y’amavuka niwe yatahukanye intsinzi mw’ihiganwa ni ’’Hatari’’ ryatunganijwe n’amashirahamwe yo gutumatumanako Leo-Econet, aho yaronkejwe ibahasha ry’imiriyoni cumi z’amafaranga y’amarundi (10millions de francs bu).

Nzeyimana Guillaume arashimira cane amashirahamwe Leo-Econet yiyumviriye gutunganya iryo higanwa bitiriye ni ’’Hatari’’, ihiganwa ryamuhaye n’akaryo ko kuba atsindiye ayo mafaranga. Mu gukina muri iryo higanwa, umunwanyi wa Econet canke leo akaba yishura ku bibazo bitandukanye biciye bu butumwa bugufi ’’message’’.

Uwo yatahukanye iyo ntsinzi, asanzwe akora akazi ko gucungera umutekano ’’agent de securité" mw’ishirahamwe Vigiles Burundais. Nzeyimana Guillaume akaba avuga kandi ko ako gashimwe k’imiriyoni cumi gashitse mu gihe ciza kuko yari afise imigambi itandukanye yari yipfuza kurangura, aho akavuga nko kwugurura ishirahamwe ry’ukubaza, kuko asanzwe ari nawo mwuga yigiye akiri mu mashure yisumbuye.

Tubibutse ko ihiganwa ni ’’hatari’’ ryari ryatunganijwe n’amashirahamwe Leo-Econet, aho baha akaryo abanwanyi babobakishura ku bibazo bitandukanye haba ivyerekeye Uburundi, inkino, ivy’urukundo n’ibindi, babicishije mu kurungika ubutumwa bugufi’’message’’. Iryo higanwa rikaba ryari ryatanguye kuva mu kwezi kwa Kigarama 2014, aho abantu batandukanye bagiye baratsindira ubushimwe bw’umuriyoni umwe, Nzeyimana Guillaume akaba ariwe yaronse amahigwe yo gutahukana imiriyo cumi z’amafaranga y’amarundi, akaba ari nawe aciye asozera iryo higanwa.


Alida S.

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.