Accueil > Poritike > Olucome yarandikiye ikete umushikirizamanza mukuru wa Repubulika
 Olucome yarandikiye ikete umushikirizamanza mukuru wa Repubulika
 Olucome yarandikiye ikete umushikirizamanza mukuru wa Repubulika
				
				mercredi 26 Ruheshi 2013
Mw’ikete barungikiye umushikirizamanza mukuru wa Repubulika, ishirahamwe Olucome rirwanya abarya igiturire n’abanyonyeza itunga ry’igihugu ryateye akamo umushikirizamamanza mukuru wa Repubulika, Valentin Bagorikunda bamusaba gokora ku madosiye 13 y’ubunyonyezi bw’itunga ry’igihugu.
Mw’ishirahamwe Olucome bamenyesha ko bagerageje gutaka umukuru w’igihugu ku bijanye n’ayo madosiye, nawe yemera umugambi witiriwe kutihanganira abarya igiturire n’abanyonora amatungo y’igihugu (tolérance zéro), umugambi yemereye abanyagihugu mw’ijambo ryiwe ryo ku genekerezo rya 31 Kigarama umwaka w’2007, akaba yanasubiriye kuvyemera umusi arahira icese yinjiye mu mabanga y’umukuru w’igihugu ku kiringo ca kabiri muri Myandagaro, umwaka w’2010.
Ishirahamwe Olucome rero rikaba risaba umushikirizamanza mukuru wa Repubulika gukurikirana ibijanye n’ayo madosiye 13 mu ntumbero yo gushira mu ngiro ivyo umukuru w’igihugu yemereye abanyagihugu. Ayo madosiye nayo akaba ajanye n’indege zitandatu zaguzwe amafaranga y’amarundi agera ku miliyaridi zine ariko zitigeze ziguruka, igurishwa ku mafaranga imiliyaridi zine bidaciye mu mategeko ry’indege Falcon 50 yarerura umukuru w’igihugu, dosiye y’amafaranga imiliyaridi zitatu ihuza Luberski na Leta y’Uburundi, amadeni y’imiliyaridi cumi igisata c’ipeterori gifitiye Leta y’Uburundi, ideni ry’imiliyaridi 23 n’imiliyoni 500 café-carburant ifitiye Leta, n’ayandi menshi.
Mu gihe ayo madosiye yokwigwa neza, igihugu gishobora kugarukana amafaranga agera ku miliyaridi 105 n’imiliyoni 179.
Mw’ishirahamwe Olucome bakaba basaba umushikirizamanza mukuru wa Repubulika gukoresha ubushobozi ahabwa n’amategeko kugira agarukane ayo mafaranga mu kigega c’igihugu, bikazofasha kandi n’ukurwanya ukudahana ivyaha.
Egide nduwimana

Messages
26 Ruheshi 2013, 06:08, par Richard
Olucome nigerageze ishire ahabona ubwo bunyonyezi nayahandi bwabaye ndase, leta yoyo umenga ntibiyega!