Accueil > Ukwemera > Abakristo > Patiri mukuru wa paruwasi Rushubi ari mu minwe y’inyamiramabi
 Patiri mukuru wa paruwasi Rushubi ari mu minwe y’inyamiramabi
 Patiri mukuru wa paruwasi Rushubi ari mu minwe y’inyamiramabi
				
				lundi 23 Kigarama 2013
Patiri mukuru wa Paruwasi Rushubi yaraye mu minwe y’abaporisi, akaba yakingiwe mu gihe abanyagihugu isinzi bari baje bamurondera, bakamwagiriza gukubita umunyagihugu gushika yitabe Imana.
Nk’uko ayo makuru yemezwa na musitanteri wa komine ya Isale iri mu ntara ya Bujumbura, avuga ko patiri mukuru wa Paruwasi yajanywe n’abaporisi kugira bamukingire, mu gihe abanyagihugu bamwagiriza ko hari umunyagihugu yoba yishwe n’amahiri y’uwo mupatiri, yamwagirije kwiba ubwatsi bwo mw’itongo rya Paruwasi. Incuti z’uwitavye Imana rero zikaba zasidukanye n’iyonka kuza kwihanira uyo mupatiri zimwagirije kwica uwabo.
Nk’uko musitanteri wa komine ya Isale abandanya abivuga, n’imisa y’ejo ku munsi w’Imana yambere ntiyashoboye kuba, kuko hari akaguma, ariko iya kabiri ikaba yarasomwe. Muri ako kaguma rero, ibiyo vy’amadirisha ya Paruwasi bikaba vyarononekaye, ariko abajejwe umutekano bakaba baciye bagahagarika, ibintu bibona gusubira mu buryo.
Musitanteri aheraheza vuga ko haciye hagirishwa amanama vyihuta, ubu ibintu bikaba vyifashe neza, amatohoza nayo akaba riko araba, mu ntumbero yo kumenya uwoba yaragandaguje amahiri uyo munyagihugu.
Aristide Nizigire

Messages
23 Kigarama 2013, 09:14, par elie
Ivyuwo mupatiri biragoye sirimwe cank kabiri ubuho yarengej ubwambere yatemye umurima wumuntu imyumbatiigirayere ngoyarimwe mwitong ryiwe abatamakazi ntibagitora udukWi muriryo shamba bahakwa batavunaguwe hama agahagarara imbere yabantu ngwari kubwiriza ahubwo ubutungane nibukore ico butegerezwa gukora kandi ntibashigikire ikinyoma uwo mupatiri ahabwe igihano gikwiye nicaha yakoze ntibarindire ivyamatohoza kuko arazwi
23 Kigarama 2013, 11:38, par NTIBAGIRIRWA ISAAC
Numva ntakwemezab koko kwarivyo ntavvyiboneye kuko harya ururimi rwumwe rukamwa ifyufyu. Abantu bose mwokwirinda ishavu ou uburakari burenze kuko nimba arivyo mwosanga mubaye nkuwo mu patiri shetani yoba yarateye bimwe mukirundi twita agashike pe. Imana imuhe kwigayan vyakarorereo kubandi bose.
24 Kigarama 2013, 09:46, par nolis nduwimana
none ga yemw,umuryango w’Ekelezia wamyeho w’abatumwa w’akarorero kandi wagenew bose,wahindutse?Uwo mupatiri,yab yarasizwe y’amavuta meranda tuzi twese?Canke bamusugiy k’UBUHOMA?None azosubir imbere y’intama z’imana avug ubutumwa?Mbega no mu mugambwe w’imana ubwiganji,ukudahana,....,vyatoye ikibanza?Mw’izina rya Yezu uwo muntu nahanwe atagisabwe;mber yoshima imana kuko iyo iba itamukunda, abanyagihugu, bo bar kumenya ico bikorera."Le chemin le plus court"
26 Kigarama 2013, 13:21, par jane
ahubwo uyo mupadiri niyisubireko, ivyo bikorwa abirekere imbonerakure