Accueil > Imibano > U Bufaransa bwahaye agashimwe ishirahamwe ANSS rigwanya umugera wa (...)
 U Bufaransa bwahaye agashimwe ishirahamwe ANSS rigwanya umugera wa SIDA
 U Bufaransa bwahaye agashimwe ishirahamwe ANSS rigwanya umugera wa SIDA
				
				jeudi 13 Kigarama 2012
Ishirahamwe ANSS ryitaho abagendana umugera wa SIDA ngo ryashimwe n’igihugu c’u Bufaransa kiubera ryitanga cane mu guharanira agateka k’abantu bagendana umugera wa SIDA.
Uwuserukira igihugu c’u Bufaransa mu Burundi Jean Lamy niwe yashikirije ako gashimwe ishirahamwe ANSS rifasha abantu bagendana umugera wa SIDA. Ni umudari werekana ikimenyetso co guharanira agateka ka zina muntu. Kama gatangwa n’igihugu c’u Bufaransa, ngo n’ikimenyetso ko u Bufaransa bwitayeho kurwanya umugera wa SIDA mu Burundi.
Reta y’u Bufaransa imenyesha ko yashimye guha ako gashimwe ishirahamwe ANSS rifasha abantu bagendana umugera wa SIDA ku munsi mpuzamakungu wahariwe agateka ka zina muntu uhimbazwa italike 10 Kigarama uko umwaka utashe. Ngo ishirahamwe ANSS ryaritanze cane mu guharanira agateka k’abantu bagendana umugera wa SIDA.
Kw’ifoto:Jeanne Gapiya, arongoye ANSS
Mu myaka 19 ishirahamwe ANSS rimaze gufasha abantu barenga 8200 bagendana umugera wa SIDA ribicishije ku bikorwa vyo kubaha imiti, imfungurwa ku bantu batishoboye, ibikoresho vy ‘ishure ku bana biga, kubavugira mu manama mpuzamakungu yerekeye SIDA hamwe no guharanira agateka kabo.
Pierre Claver Niyonkuru
