IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Ubushikiranganji bw’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu burahakana (...)

Ubushikiranganji bw’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu burahakana ivyashikirijwe na Amerika

jeudi 23 Mukakaro 2015, par Jean De Dieu

Ubushikiranganjire bw’Uburundi n’ayandi makungu bumenyesha ko bwatangajwe cane n’ivyashikirijwe na Reta Zunze Ubumwe za Amerika ku matora y’umukuru w’igihugu yo kuwa 21 Mukakaro 2015.

Mw’ itangazo ubwo bushikiranganji bwashize ahabona,bumenyesha ko Reta Zunze Ubumwe za Amerika zivanga mu bibazo vy’Uburundi, ku buryo bunyuranye n’amategeko y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU n’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika. Iryo tangazo ryemeza kandi ko Reta Zunze Ubumwe za Amerika Amerika zifise amakuru atari yo ku Burundi.

Itangazo ry’ubushikiranganji bw’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu ryishura itangazo ry’ubushikiranganji bw’imigenderanire ya Reta zunze ubumwe za Amerika rivuga ko ibizova mu matora bitazokwemerwa.

Amerika ivuga kandi ko Uburundi bwanse gutanga uburenganzira bwo gukorera mu Burundi ku ndororerezi z’Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika kugira baze kurorera amatora bakurikirane n’ibijanye n’agateka ka zina muntu mu Burundi.

Ubushikiranganji bw’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu bumenyesha ko butigeze bwimana ubwo burenganzira,ahubwo ngo babusavye batevye hasigaye igihe gito ngo amatora abe.


MUGISHA Van Naris

Messages

  • Nta murongozi ndabona Ku isi wihangana kandi wuminyabwenge nka nkurunziza. Abamurwanya barasakuza akinimira akabasengera. AU niyo yakuye abarebezi bayo mu matora. Nyuma babonye ko bihenze bongera gusaba batevye none ikosa nigwande? Ese USA irondera Iki kitari NICKEL Irish I musongati bashatse gutwara kiri gusa nkuru akayiha abahinwa nabarusiya batanga amahera. USA ishigikiye abaterabwoba biyemereye ko batera grenade abanyagihugu? ESE yigeze yumva uwo abashigikiye nkuru baturiye mu mapine
    canke bateye grenades? Ese uri umu police ugumuka akagutera amabuye n amacupa aturika arimo essence agaturira amabarabara; akayacukura; agasenya kiosk babadandaza; agakibita abigira mukazi agaturira imiduga yabanyagihugu n amapine ufise inkoho wakora Iki? Ese USA; Beligium na UK imfashanyo baha abo bagumitsi bazi ko arivyo I kora? Ese ibwiriza shingiro ryanditswe USA idahari nabo bagumutsi ntibarisinyeko. article 96 Sibo bayemeje? Amaherezo tuzasana USA; UK; BELGIQUE aribo bafasha BOKO HARAM; IS; AL QUAEDA; na ALSHBAB; ngo habeho ingwano ahari petrol n amabuye yagaciro kugira babandanye biyubire kuko NKURUNZIZA ayoboye abarundi nkuoko yari ayoboye ntaco byabari bibatwaye Bose amoko yose bari basangiye ubuyobozi mu buryo bungana bashyingiranwa bikorera business ata mananiza. Bat era imbere ingwano zaraheze..

  • ibandanirize muronderere hose abansi ivyanyu bizoteba bisendwa .

  • Ba Nyamitwe barakomeje ubwonko bw’ukubesha basi!

  • Ico ntigihoma kweli !!! Nta Reta Zunze Ubumwe za Amerika zivanga mu bibazo vy’Uburundi, ahubwo zifatira defense les sans voix burundais bacinyizwa na Nkurunziza, kandi ico kintu amakungu arakirekuriwe naburya Uburundi ari igihugu souverain... Uburundi ni ubw’abarundi bose si ubwa Nkurunziza n’akagwi kiwe bonyene,ico bategerezwa kukimenya nk’igisabisho ca kila siku...

  • KOMERA.ISONGA.RY.URURIMI.RUHINYUZWA.NURURIBA.BANDANYA.HAZOKIRJ.UGOMBA

  • Nkurunziza na ba Nyamitwe bibaza ngo batsinze abanyagihugu babo none ubu naho bagiye guhangana na Union Africaine, Union Europeenne, Belgique, Hollande, Etats Unis etc...???
    Reka tuzoraba umugabo uwariwe nimba aba dd bibaza ngo Amerika nico kimwe na Congo !!!

  • Uburundi turakeny ariko bamwe mubategetsi bogura isi.biva kuki?uwushaka kubimenya abaze.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.