Accueil > Imibano > Ukutumvika hagati y’abiyunguruza hamwe n’abashoferi
 Ukutumvika hagati  y’abiyunguruza hamwe n’abashoferi
 Ukutumvika hagati  y’abiyunguruza hamwe n’abashoferi
				
				lundi 7 Nzero 2013
Iyo uravye neza usanga rimwe na rimwe haraho umuziki uba ukenewe mu muduga ariko bigaterwa n’uburyo n’igihe uvugirizwa, abiyunguruza mu miduga rero ntibabihurizako.
Abiyunguruza mu miduga usanga badahuriza kuri uwo muziki. Bamwe iyo bari mu muduga babwira umushoferi bati ongereza cane umuziki abandi bati kuramwo umuziki ntiwaje mugiteramo ariko benshi bahuriza ko umushoferi avuza akaziki mw’ijwi ritoya kuko usanga hariho nk’abafise ingorane zituma badakunda ibintu bibamena umutwe cane.
Ikindi ariko, babwira shoferi ko yogabanya umuziki mugihe hariho nk’uwo bahamagaye kuri telefone. Hari rero abashoferi bamwe batagomba kwumva ivyipfuzo vy’abo batwaye bagaca barekura umuziki bakoresheje ijwi ryose, abobatwaye bababwira ntibabumvirize ukamengo habaye igiteramo batigeze bitegura, kenshi na kenshi usanga abiyunguruza mu miduga bidodombera abashoferi kubw’ico gikorwa.
Hari nk’umuduga umwe uri ku rugendo uja mu gihugu hagati, aho uwo muduga waca hose abanyagihugu baza gushengerera kuko wari kwibaza ngo n’igiteramo canke ni ivyo bariko baratangaza.Aho rero abo batwaye ishavu ryari ryinshi kuko umushoferi ababujije no kwitaba amaterefone kubera kwanka kugabanya umuziki.
Abashoferi rero bari bakwiye kuza bitwararika kuvuza umuziki mw’ijwi ritoya mu modoka aho bikenewe kandi bakagerageza kwumvikana nabo batwave ikindi inzego z’umutekano nazo zirakwiye kuza zirabigiramwo uruhara kuko ivyo biri mubishobora gutera amasanganya mu mabarabara .
Joel Sengurebe

Messages
7 Nzero 2013, 08:44, par kok
Kabisa ni ikibazo kweli!!! turasaba ababijejwe ko bo biraba bigakorwa neza.