IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > "Umubiri wanje, uburenganzira bwanje" : Abakenyezi basavye kurekurirwa (...)

"Umubiri wanje, uburenganzira bwanje" : Abakenyezi basavye kurekurirwa gukorora inda

lundi 29 Nyakanga 2014

Mw’ishirahamwe SFBSPB basaba Reta y’Uburundi ko yokwemeza itegeko rikura ibihano ku gukoroza imbanyi, ariko bigakorwa mu mutekano, kandi vyemewe n’amategeko.

Kw’igenekerezo rya 28 Nyakanga, ni umunsi mpuzamakungu wahariwe gukura ibihano ku gukorora inda. Mw’ishirahamwe SFBSPB (Solidarité des Femmes Burundaises pour la Lutte contre le Sida et le Paludisme) bamenyesha ko mu Burundi batahimbaje uwo munsi, kuko Reta y’Uburundi itaremeza iryo tegeko rikura ibihano ku bakenyezi canke abigeme bakorora imbanyi. Muri iryo shirahamwe bashikiriza ko ibiharuro vy’abasama imbanyi batipfuje, hama bakazikorora mu kinyegero ari vyinshi, cane cane mu ntara za Cibitoke, Bubanza na Bujumbura Mairie. Ingaruka z’uko gukorora imbanyi mu kinyegero akaba ari abigeme canke abakobwa bahasiga ubuzima, canke bakahandurira izindi ngwara.

N’aho muri iryo shirahamwe bibutsa ko umubiri w’umuntu ari uburenganzira bwiwe, basaba ko iryo tegeko Reta yokwemeza ryo gukura ibihano ku bakoroza inda ryoza ritomora uwoba arekuriwe gukorora imbanyi, n’impamvu zoba zibimutumye. S’umuntu uwariwe wese yoza gusaba gukorora imbanyi, ahubwo hotegerezwa kubaho indinganizo yerekana igituma uwo muntu akeneye gukorora iyo nda, nk’uko mw’ishirahamwe SFBSPB (Solidarité des Femmes Burundaises pour la Lutte contre le Sida et le Paludisme)


Egide Nduwimana

Messages

  • Inyuma yaho musaba ko mwoba abagabo namwe mukwipfuza kuja hejuru y’abagabo banyu, mushikiriye gusaba kurekurirwa kwica officiellement, ntagitangaje kirimwo Bible yarabivuze nubu data rugira vyose aguma semerera comprendra qui voudra, yooooo muragowe. Soma Igitabu c’Imana kiravyerekana ko Umugabo ari umutwe w’urugo, naho kwica ntanumwe naho bible ataco yobivugako, atazi ko ari icaha kibishe kiri muvyaturiye Sodoma na gomora, girira ikigongwe abo ba malayika mwoca ataco mwapfuye, batazi ico bazira. Muragahura na Yezu-Christu. Amen.

  • Ndagushimiye ntibagirirwa Isaac kwiyo nkebuzo warutanze kwabo bagore babanyavyaha.jewe nanj ico nobibariza,kuki mwebwe bamama Banyu baretse mukavuka??.nimuhe uburenganzira abo bana nabo bwokubaho,kuko namwe mwabayeho mutishwe nkuko mushaka kuniga ico muvyaye!?.ahubwo icombona cobafasha nimusaba ko umugore wese atwaye inda atayikeneye azoce yisabira kwicwa,apana kwica umwana wenyene kandi atacaha yakoze kugira yibungengwe na nyina.kuko nakera umukobwa yatwaye igitwarire yaca atabwa mugisumayenzi.

  • Umuntu wese akorora imbanyi kurya mukatagura urya mwana niko mukata intoke z’ Imana iriko iramubumba mumbanyi!!!!! Muragowe mwebwe muca intoke z’ Imana

  • UMUKENYEZI NIKIRUMARA MUMURYANGO IRYO TEGEKO NIRYEMEZWE NO MUBIHUNGU BITEYIMBERE NIKO BIRI TUVYARE ABO DUSHOBOYE KURERA•

  • umintu yoshiraho iryo tegeko akwiye kubariwe yicwa gushigikira ngo bice ukibigira ho kuryohegwa reka abo bamarayika bibere ho isi yarahumanye inzoya zizorara zirazwiragira mumatwi yanyu ,abategetsi baribakwiye kugarukira agateka kabana abana babo nibo bazitwara kurusha abandi gwawe niyayikoroza ikamuhitana nihuzoba wungutse reka bavyare niho bohaha canke mushireho itegeko uwuyimutwaje abariwe ahanwa ntakindi mbona gikwiye gukogwa ,abategetsi koribo bigira aba maîte mugushurashuza bangana nabo bavyaye bo kwataco mubavugako kandi mubizi abanyeshure birigwa mu ma hotel bajanye nabangana nabase mukababona mu kikawusha gezaho!!!!!!

  • umintu yoshiraho iryo tegeko akwiye kubariwe yicwa gushigikira ngo bice ukibigira ho kuryohegwa reka abo bamarayika bibere ho isi yarahumanye inzoya zizorara zirazwiragira mumatwi yanyu ,abategetsi baribakwiye kugarukira agateka kabana abana babo nibo bazitwara kurusha abandi gwawe niyayikoroza ikamuhitana nihuzoba wungutse reka bavyare niho bohaha canke mushireho itegeko uwuyimutwaje abariwe ahanwa ntakindi mbona gikwiye gukogwa ,abategetsi koribo bigira aba maîte mugushurashuza bangana nabo bavyaye bo kwataco mubavugako kandi mubizi abanyeshure birigwa mu ma hotel bajanye nabangana nabase mukababona mu kikawusha gezaho!!!!!!

  • Abakorora inda nabo ntibikunda kuko barondera kwitizubuzima bwakanya gato.bashobora kwandura ingwara munda canke mubihimba vyirondoka.kandi uretse nivyo batera umubabaro abandi.dukurikije itegeko rya bibiliya nkuko vyari mubisilayeli ko umuntu yica uwundi canke nkaharya bariko barwana bagaca kumuntu yibugenze inda igakoroka yategerezwa kwicwa nawe. kandi Imana irahagaciro inda ivuga ko aricamwa cinda kuki twebwe tutoyiha agaciro? UWOGIRIVYO kubwanje nomucira gupfa nawe.nayikingire atarayitwara ivyo vyanse umuntu ahure nuwundi.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.