Accueil > Poritike > Umugambwe UPRONA uriyamiriza ibikorwa vy’umugwi CNTB ujejwe amatati (...)
 Umugambwe UPRONA uriyamiriza ibikorwa vy’umugwi CNTB ujejwe amatati y’amatongo
 Umugambwe UPRONA uriyamiriza ibikorwa vy’umugwi CNTB ujejwe amatati y’amatongo
				
				dimanche 13 Nzero 2013
Umugambwe w’abadasigana UPRONA ngo nturota uva mu nzego z’igihugu naho Reta yica amatwi kubijanye n’ikibazo c’umugwi CNTB ujejwe gutatura amatati y’amatongo n’ayandi matungo. Uwo mugambwe umenyesha ko uzoguma uhanura ariko uri mu nzego z’igihugu.
Mugushikiriza ivyaranguwe n’umugambwe UPRONA mu mezi atatu arangiye hashinzwe inzego nshasha z’uwo mugambwe, Charles Nditije arongoye UPRONA yagarutse kukibazo c’umurwi w’igihugu ujejwe gutatura amatati y’amatongo n’ayandi matungo CNTB aho uwo mugambwe uvuga ko utarwanya uyo murwi ariko wiyamiriza uwurongoye uyo murwi Musenyeri Sérapion Bambonanirengo.
Charles Nditije amenyesha ko abarongoye umugwi CNTB atakindi bakora atari gucanishamwo abarundi mukurenga ku masezerano y’i Arusha awushiraho. Avuga ko uwurongoye CNTB yaje gukorera abahungutse gusa ngo kuko banyazwe amatongo aho gutunganiriza bose n’ukuvuga abasangwa n’abahungutse kuko bose bahuye n’intambara zahitiye mu Burundi.
Uwurongoye umugambwe UPRONA ntakindi asaba atari uko umukuru w’igihugu yobogoza musenyeri Bambonanire arongoye umugwi CNTB kandi hagashirwaho ikigega co gushumbusha ababuze ivyabo, baba abahungutse canke abasangwa.
Ku kibazo c’uko ivyo hamwe ivyo bamaze igihe basaba bitotorerwa umuti kuko umukuru w’igihugu ashima ibikorwa n’umurwi CNTB nkuko yabivuze mw’ijambo ryo kurangiza umwaka ,Charles Nditije arongoye UPRONA avuga ko bazobandanya basemerera. Abamenyeshamakuru babajije Nditije ko umugambwe uzoca uva mu nzego, nawe yishuye ko batarita bava mu nzego nk’uko bamwe bavyiyumvira kubera ico kibazo kidatorewe umuti. Uwo arongoye UPRONA ati : « Dukora vyinshi turi mu nzego gusumba tutari mu burongozi bw’igihugu kuko dufise n’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu aja arahanura umukuru w’igihugu.»
Ikindi umugambwe UPRONA wiyamiriza n’kuo  hatobaho umurwi w’ukuvugana ukuri n’ukunywanisha abarundi  ata sentare bibangabanganywe yo gucira imanza abazokwagirwa n’ivyaha vyo mu ntambara hamwe n’ivyaha vy’ihonyabwoko.
Uwurongoye  umugambwe w’abadasigana UPRONA akavuga ko aberwa n’ico kibazo ari abarundi bose arico gituma babwirizwa kugirishwa inama.
kw’ifoto: Nditije Charles arongoye umugambwe UPRONA
Raymond Nzimana
