IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > Boxe > Umukinyi wa Boxe yakubiswe ingumu ntiyavyuka

Umukinyi wa Boxe yakubiswe ingumu ntiyavyuka

mardi 4 Ruhuhuma 2014

Umukinyi w’urukino rwa Boxe yaritavye Imana kuri uwo mw’Imana uheze bivuye nku ngumu mugenzi yamukubise bari mw’ihiganwa.

Oscar Gonzalez na Jesus Galicia bose bava mu gihugu ca Mexique bariko bahiganwa ikibanza ca mbere mu karere mu rukino rwa Boxe. Bageze mu gice ca 11 bariko barwana, Jesus Galicia yakubise ingumu mugenzi we Oscar Gonzalez aca arwa hasi. Baramutabarije bamutwara kwa muganga basanga amaraso yaviriye imbere mu mubiri, nuko rero abaganga ntibashoboye kurokora ubuzima bwiwe. Uwahora amufasha aca atangaza ku munsi w’Imana ko uwo mukinyi yasezeye isi.

Gonzalez apfuye afise imyaka 23, mu nkino 26 yatsinze inkino 23, mw’izoyatsinzwe harimwo n’urwo rumuhitanye.

Fyonda mwirabire uko yakubiswe


Chérif Nkeshimana

Messages

  • Iman’imwakire mubwami bwayo.we aziz’ukuri kuko yariko aronder’amatungo munkino.gusa baje bateran’ingumi neza ntibaze bashiramwo n ’ubwankanyi canke se urugomo.mana muhe iruhuko ridashira.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.