Accueil > Poritike > Uwuserukira u Bubirigi yashikirije ijambo abarundi
 Uwuserukira u Bubirigi yashikirije ijambo abarundi
 Uwuserukira u Bubirigi yashikirije ijambo abarundi
				
				mercredi 30 Nzero 2013
Umukuru w’inama nkenguzamateka Gabriel Ntisezerana yakiriye mu biro iwe uwugiye guserukira igihugu c’u Bubirigi m’u Burundi Marc Gedopt.
Mw’ijambo ryiwe yashikirije abarundi inyuma y’aho isoko nkuru y’i Bujumbura ihiriye,uwo agiye guserukira igihugu c’u Bubirigi yamenyesheje ko igihugu c’u Bubirigi cifatanije n’abarundi bose kandi ko kitazohengeshanya gushigikira igihugu c’u Burundi.
Abo bategetsi babiri kandi baganiriye ku bijanye n’imigenderanira iri hagati y’u Bubirigi n’u Burundi ishingiye kw’iterambere mu vyo ubutunzi bw’igihugu muri kazoza.
Paterne Nsengiyumva

