IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Abajejwe intwaro bahamagariwe kumenyesha ibikorwa vy’indwi yahariwe amagara (...)

Abajejwe intwaro bahamagariwe kumenyesha ibikorwa vy’indwi yahariwe amagara y’umuvyeyi n’ikibondo

mercredi 29 Munyonyo 2017, par Egide NDUWIMANA

Ubwo bushikiranganji bushikiriza ko igice ca mbere c’indwi yahariwe amagara y’umuvyeyi n’ikibondo yabaye mu kwezi kwa gatandatu 2017 ititabiriwe n’igitigiri gikwiye c’abantu.

Umushikiranganji w’amagara y’abantu hamwe no kugwanya ikiza ruhonyanganda Sida, Muganga Josiane Nijimbere yamenyesheje ko kuva mu mwaka wa 2012 basanze igitigiri c’abantu bitabira ico gikorwa c’indwi yahariwe amagara y’umuvyeyi n’ikibondo kitaduga gushika ku rugero rushimishije.

Dr Josiane Nijimbere yashikirije ko bimwe mu bituma iyo ndwi ititabirirwa bishimishije ari ibikorwa vy’ibindi bisata usangwa bitunganijwe muri ico kiringo c’iyo ndwi, uwo mushikiranganji agasaba ko atakindi gikorwa cotunganywa muri ico gice ca kabiri c’indwi yahariwe amagara y’umuvyeyi n’ikibondo kugira abantu benshi bazokwitabe ico gikorwa.

Ibikorwa bitunganijwe muri iyo ndwi yahariwe amagara y’umuvyeyi n’ikibondo n’ibijanye no gutanga urucanco rwa 1 rwo gukinga ingwara ya kansere yo mu rwinjiro rw’igitereko ku bana biga mu mwaka wa 3 b’amashure shingiro bo mu ntara ya Ngozi na Rumonge, gutanga amama ya vitamine A ku bana bo mu gihugu cose bari hagati y’amezi 6 gushika ku mezi 59, gutanga umuti w’inzoka Albendazole ku bana bafise hagati y’umwaka 1 na 14 no ku bavyeyi bafise imbanyi kuva ku mezi 4 no kuduga.

Mwomenya ko bikorwa vy’iyo ndwi yahariwe amagara y’umuvyeyi n’ikibondo bizotangura kw’igenekerezo rya 5 Kigarama 2017, bikazosozerwa igenekerezo rya 8 Kigarama 2017, ariko igikorwa co kuvyugurura ku mugaragaro bikazoba kw’igenekerezo rya 5 Kigarama 2017 muri komine ya Kiremba mu ntara ya Ngozi.


Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.