IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Abantu benshi barihenda ku bijanye n’ibitera vy’ukuri ingwara ya (...)

Abantu benshi barihenda ku bijanye n’ibitera vy’ukuri ingwara ya "Cancer"

dimanche 29 Ndamukiza 2018, par Egide NDUWIMANA

Mu matohozwa yagiye arakorwa cane cane mu gihugu c’Ubwongereza akanashirwa ahabona n’ikinyamakuru "European Journal of Cancer", ku bantu bagera hafi 1 330 babajijwe ku bijanye n’ibitera iyo ngwara, bagiye baravuga ko kunywa itabi vyonyene arivyo bibi ku magara yabantu.

Ishirahamwe rigwanya ingwara ya cancer rifise icicaro mu gihugu c’Ubwongereza "Cancer Research UK" ryashikirije ko iyo ngwara ya cancer ishobora kuba yogabanuka mu gihe benshi bomenya ibiyitera.

Iyo abantu baba bazi vy’ukuri ibetera "cancer", batajuragizwa n’amakuru menshi y’ibitera iyo ngwara, ku bantu cumi bogwaye iyo ngwara bane bovamwo ntibobaye bakiyirwaye, nk’uko bivugwa na "Cancer Research UK"

Iryo shirahamwe rirashimangira ku kumenya vy’ukuri ibitera iyo ngwara kugira umuntu ayirinde amenye ico akwiye guheba, ikimugirira nabi ntagire amakuru menshi muri rusangi.

Abashakashatsi bo muri Kaminuza zibiri zo mu Bwongereza, University College London hamwe niyindi yitwa Université de Leeds basanze ibice birenga 40 kw’ijana vy’abantu babajije bazi ko umwitwarariko birya twita "Stress" mu gifaransa, n’ugukunda ibirungo canke ibituma irya zimota canke ziryoha biri mubitera "Cancer" kandi atarivyo na gato.

Umuntu rero akwiye kwiga kumenya muri rusangi ibitera iyo ngwara, gutyo akamenya aho ashoborera kugaba akirinda canke naho ntiyiyime ikintu yoba akeneye kandi kitagira ingaruka mbi bivuye ku makuru atariyo kenshi umuntu agenda aratoragura hirya nino.

Bimwe mu bitera ingwara ya cancer, ni mu gice ca kabiri c’aya makuru atangwa n’ishirahamwe "Cancer Research UK"


Ornella DUSHIME

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.