IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amagara y’abantu > Thaddée NDIKUMANA : Mu mezi atatu aheze twashoboye kuronsa abana barenga (...)

Thaddée NDIKUMANA : Mu mezi atatu aheze twashoboye kuronsa abana barenga imiriyoni 4 umuti uvura ingwara zo mu nda “Albendazole”

Friday 13 July 2018, by vianney

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuruno wa gatanu ariko ashikiriza ivyaranguwe n’ubwo bushikiranganji mu mezi atatu,Umushikiranganji w’amagara y’abantu Thaddée NDIKUMANA yamenyesheje ko bashoboye gucandaga bongera baratanga ivyankenerwa ku bana hamwe no ku bavyeyi bibungenze bakaba baratanze ivyunyunyu hamwe n’incanco zitandukanye.

Thaddée NDIKUMANA yavuze ko mu mezi 3 aheze babandanije umugambi wo kuvura abakenyezi n’abana ku buntu,gutanga ibikoresho bitandukanye vyo gupima ,gutanga imiti hamwe no gushira mu ngiro indwi yahariwe amagara meza y’umuvyeyi n’ikibondo.

Ibindi vyashoboye gukorwa n’ubwo bushikiranganji murayo mezi aheze,n’amafrigo 51 yatanzwe akoresha imishwarara y’izuba ku ntara za Rumonge na C’ibitoke kugira afashe kubika incanco,ikigo kivura ingwara zo mu mutwe c’i Mubuga mu ntara ya Ngozi caruguruwe,ibigo vy’igororero 2 vyaronkejwe ibikoresho hamwe n’inganda 4 zatunganijwe zijanye no guhimiriza indongozi mu ntumbero yo gukinga uruhererekane rw’ingwara ya Sida.


IGIHE

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.