IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imico kama > Abakobwa bashaka guhiganirwa kuba "Miss Burundi 2017" batumweko (...)

Abakobwa bashaka guhiganirwa kuba "Miss Burundi 2017" batumweko kwiyandikisha

mercredi 8 Ntwarante 2017, par Egide NDUWIMANA

Ishirahamwe BURUNDI Events ryuguruye ku mugaragaro ibikorwa vy’uguhiganirwa ikibanza ca mbere ca "Miss Burundi 2017", umukobwa mwiza kandi aciye ubwenge. Abigeme bipfuza guhiganirwa ico kibanza bakaba bahamagariwe gutangura kwiyandikisha kuri uwu wa 8 Ntwarante, umunsi isi yose ihimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe umukenyezi.

Iryo yandikwa rizorangira kuwa 21 Ndamukiza 2017, rikazobera ahakorera ishirahamwe BURUNDI Events, mu gisagara ca Bujumbura, muri Galerie Alexander. Abari mu ntara zo mu gihugu hagati badashoboye gushika i Bujumbura nabo bagashobora kwiyandikisha ahakorera "SMART Burundi", ishirahamwe ry’ugutumatumanako, risanzwe riri mu mashirahamwe yiyemeje gufata mu mugongo ihiganwa rya Miss Burundi 2017.

André HAKIZIMANA, ajejwe kumenyesha amakuru mw’ishirahamwe BURUNDI Events aravuga ivyo umukobwa akeneye guhiganwa muri Miss Burundi 2017 asabwa

"Kuba afise imyaka iri hagati ya 18 na 25, kuba atarubaka urwiwe kandi ata mwana afise, kuba areha na metero 1,65, kuba afise ibiro bitarenga 65, kuba aserukira intara imwe mu zigize igihugu c’Uburundi, kuba avuga neza ururimi rw’ikirundi hamwe n’igifaransa, kuba afise akanya kuva ihiganwa ritanguye gushika rizohere."

Umunsi w’igice ca nyuma c’ihiganwa (Final), ahazotorwa umukobwa wa mbere mwiza kandi aciye ubwenge (Miss Burundi 2017) azoba ari kw’igenekerezo rya 22 Mukakaro 2017, abigeme 18 baserukira intara zose zigize Uburundi nibo bazotorwamwo uwa mbere azohabwa agashimwe k’imodoka.

Uwumukurikira (1ere Dauphine) azohabwa agashimwe k’amafaranga y’amarundi umuriyoni umwe n’ibihumbi amajana atanu, uwundi nawe (Deuxieme Dauphine) ahabwe agashimwe k’umuriyoni umwe w’amafaranga y’amarundi.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.