IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imico kama > Burundi : Ibikorwa biva mw’itunga mva bwenge ntibirashobora gutunga (...)

Burundi : Ibikorwa biva mw’itunga mva bwenge ntibirashobora gutunga ababikora

dimanche 27 Ndamukiza 2014

Mu Burundi, abahinga batandukanye mu mico kama n’akaranga ntibirashoboka ko batungwa n’ibikorwa vyabo vyonyene kuko bitari bikingiwe, bivugwa na Donatien Niyongabo ajejwe ikigo kijejwe gukurikirana itunga mvabwenge.

Ku munsi wa gatandatu, igenekerezo rya 26 ndamukiza, isi yahimbaje umunsi mpuzamakungu wahariwe itunga mvabwenge ico bita mu rurimi rw’igifaransa Proprieté intellectuelle. Uwo munsi mukuru ukaba uhimbajwe mu gihe Reta y’Uburundi yamaze gushinga ikigo gikurikirana itunga mvabwenge. Donatien Niyongabo avuga ko itunga mvabwenge riraba ahanini ibikorwa bijanye n’imico kama n’akaranga. Ikijanye n’imicokama n’akaranga, avuga ko ibikorwa bitari bike vy’abahinga bihari mu Burundi ariko ntibirashobora kubatunga vyonyene cane cane kuko bitari bikingiwe.

Abandanya avuga ko uno munsi bariko baragerageza gushira mu ngiro amategeko ahari akingira ibikorwa vyabo. Ariko muri ico kigo bamenyesha ko ivyo amareresi bitaratera imbere cane hano mu Burundi, ariko avuga ko bafise icizere ko mu minsi iri mbere bizotera imbere, baravye uko urwaruka rusigaye rwijukiye gukora amareresi.
Uwurongoye ico kigo asaba abahinga, abakora ibikorwa vyerekeye akaranga canke imico kama kumenyekanisha muri ico kigo ivyo baba barakoze kugira bikingirwe.

Donatien Niyongabo abasaba kandi kwitura ico kigo canke izindi nzego zibijejwe kugira babereke ingene ibikorwa vyabo bidashobora kunyagwa. Abandanya avuga ko uwukoze igikorwa cose abwirizwa kubimenyesha akacandikisha canke hamwe naho arenganijwe amenya iyo bitura.


Floxella Karire

Messages

  • Nibintuvyiza cane nikuraba ukuntu botezimbere kinogisata kuko ntagihugu giterimbere ibintu nkivyovyingirakamaro nivyobituma igihugu kimenyekana kwe turacarinyumaca nenkokubintu vyamasinem ok komer

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.