IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imico kama > Umuco > Abarundikazi ntibarigishwa umuco n’imiziro igenga akaranga k’ingoma

Abarundikazi ntibarigishwa umuco n’imiziro igenga akaranga k’ingoma

mardi 7 Munyonyo 2017, par Egide NDUWIMANA

Annick KABATESI asanzwe arongoye ishirahamwe MURUNDIKAZI Fashion, ishirahamwe risanzwe rihingura rikanadandaza ibintu bitandukanye nk’impuzu, amasakoshi, ibirato, n’ibindi….bivuye mu nsato z’ibiti avuga ati : «Abarundikazi basanzwe bavuza ingoma nta bumenyi bafise ku bijanye n’imiziro ijanye n’akaranga ko kuvuza ingoma. Jewe nakuze numva umugani uvuga ngo ’’akari munda y’ingoma kamenywa n’uwayikanye’’. Bisigura ko hari ibanga ritagenewe kumenywa na bose».

KABATESI arongera akavuga ati : « Kubona ubushikiranganji bwarafashe ingingo yo kwihanikiriza abigeme gukora ku murisho w’ingoma, nuko bwari bwabonye ko imico n’akaranga vyariko birahohotegwa. Ingoma zifise umugenzo wazigenewe, n’insiguro zijanye n’akamaro kazo. Abigeme bahamagariwe kuvyubahiriza, na cane cane kuronswa insiguro z’imigenzo n’imiziro ijanye n’akaranga k’ingoma kugirango ntibibaze ko barenganijwe. »

JPEG - 154.2 ko
Annick KABATESI

Annie Bernice NIKUZE, yatowe nk’umwigeme mwiza kandi aciye ubwenge w’umwaka wa 2017, mu gihe yari aramutse ashira ahabona umugambi wiwe agiye gukorerako mu kiringo c’umwaka wose, muri uwo mugambi hakaba harimwo itegugwa ry’umunsi mukuru w’ingoma. Muri uwo mugambi, Miss 2017 Annie Bernice NIKUZE amenyesha ko akaranga kadakwiye guhindugwa.

« Igikenewe suko twoja kubiri n’akaranga, igikwiye n’uko akaranga twogakomeza tukagateza imbere. Ingoma zirafise ukwo zivuzwa, zikagira imiziro n’imigigwa. »

JPEG - 34.2 ko
Nikuze Annie Bernice, Miss Burundi 2017

Pacifique BUKURU

Messages

  • Ndashigikiye ibivyiyumviro vy’ababigeme b’imboneza. Akaranga n’ikintu gikomeye kugihugu n’abakibamwo. Akaranga n’itunga ridasubirizwa kugihugu n’abakibamwo. Ahohambere baratubwirako atamukenyezi canke umwigeme yavuzingoma; none dutakaranga ngo hubahirijwe igitsina kanaka?? Oya, oya, abibazuko bakwiye gusigurirwa ibanga ry’ingoma. kanatsinda n’ibihimba vyayo birerekanako harivyo bisangiye nabo. Bisigurako harihikizira kuribo. Umurisho urafise insiguro. nibatohoze bazobonako iryo tegeko ryaje hageze.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.