Abakoresha indirimbo z’abarundi basabwa kuriha bisunze amategeko ya O.B.D.A

Yanditswe na Vianney BIKORIMANA
Kuya 20 June 2018 saa 11:49
11040
0 0

Umushikiranganji w’inkino n’imico kama Pelate NIYONKURU amenyesha ko umuziki uhuza abantu b’urunganwe rutandukanye kandi ari igikoresho co guhuriza hamwe abantu ,kwigisha hamwe no kwumvikanisha abantu.

Mw’itangazo ryasomwe n’umushikiranganji w’inkino n’imico kama buca hahimbazwa umusi mukuru mpuzamakungu wahariwe umuziki,Pelate NIYONKURU yamenyesheje ko kubona Uburundi buzokwifatanya n’ayandi makungu mu guhimbaza uwo munsi mukuru, ari ikimenyetso cerekana ko igihugu gishigikira bimwe biboneka abaririmvyi kugira bashobore kubeshwaho n’umwuga wa minsi yose.

Pelate NIYONKURU yavuze ko muri iyo ntumbero yo gushigikira abaririmvyi hashinzwe ikigo kijejwe gukingira ibikorwa n’abahinga (O.B.D.A) kugira indirimbo zikingirwe kandi zitezwe imbere kugira abaririmvyi bahatorere akoyokwe.

Uwo mushikiranganji w’inkino n’imico kama asaba abakoresha indirimbo zose z’abaririmvyi ko boriha bisunze amategeko ya O.B.D.A mu kwubahiriza amategeko ajanye no gukingira umuririmvyi n’ibikorwa vyiwe.

K’uruhande rw’abaririmvyi , uwo mushikiranganji yabasavye ko boririmba indirimbo zihayagiza imigenzo myiza y’Abarundi kugira hubakwe Uburundi bw’amahoro,kwigisha abarundi imico myiza ijanye n’iterambere rirama ry’igihugu .

Ibikorwa vyo kwugurura ihimbazwa ry’uyo munsi mukuru ku rwego rw’igihugu bitegekanijwe ku munsi wa kane igenekerezo rya 21 ruheshi 2018 mu kigo c’urwaruka co mu kamenge ku civugo “Uruhara rw’umuziki mw’iterambere rirama ry’Uburundi.”

Umusi mukuru mpuzamakungu wahariwe umuziki wama uhimbazwa buri mwaka kw’igenekerezo rya 21 Ruheshi,watanguje n’umushikiranganji w’imico mu gihugu c’Ubufaransa Jacques Lang mu mwaka w’i 1982.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha