IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imico kama > Umuco > Burundi Events yatanguje icese itorwa rya Miss Burundi 2018

Burundi Events yatanguje icese itorwa rya Miss Burundi 2018

mercredi 28 février 2018

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, Andre HAKIZIMANA yavuze ko ihiganwa Miss Burundi, ritunganywa mu ntumbero yo kwugurura imiryango, kugira Uburundi bumenyekane mu makungu biciye mu mico kama.

Andre HAKIZIMANA yavuze ko itorwa rya Miss Burundi ata mvo za poritike canke z’aho umwigeme avuka zijamwo, ariko atorwa hisunzwe, imico n’akaranga vyize, ubwiza bwiwe, hamwe n’ubwenge bwiwe.

Uwo ajejwe kumenyesha amakuru mw’ishirahamwe Burundi Events ritegura ihiganwa Miss Burundi 2018, amenyesha ko abigeme bashka kuja muri iryo higanwa bazokwiyandikisha, kuva kw’igenekerezo rya 1 Ntwarante gushika kw’igenekerezo rya 16 Ndamukiza 2018.

Bagereranije n’ihiganwa Miss Burundi 2016 hamwe n’ihiganwa Miss Burundi 2017, Andre HAKIZIMANA ajejwe kumenyesha amakuru mw’ishirahamwe Burundi Events ritegura ihiganwa Miss Burundi 2018, yasiguye igishasha kije muri uyu mwaka.

JPEG - 176.9 ko
Andre HAKIZIMANA, ajejwe kumenyesha amakuru muri Burundi Events

Yavuze ati : « Uwu mwaka tuzoshika ku mashuri yisumbuye na kaminuza, kugira dusigurira abigeme ivyiza vyo kwitoza mw’ihiganwa Miss Burundi, kugira tubonereho kandi n’izindi mpano. Twararonse kandi abadushigikira bashasha nk’ibanki KCB hamwe n’ishirahamwe Loto Burundi. »

Andre HAKIZIMANA arashimira abariko bashigikira ihiganwa Miss Burundi 2018 muri rusangi, agashimira Reta y’Uburundi, ku rugero ishigikirako ico gikorwa, ibicishije mu bushikiranganji bw’urwaruka inkino n’imico kama.

Mw’ijambo ryiwe, Leonard SINZINKAYO, umuyobozi w’imico n’akaranga mu bushikiranganji bw’urwaruka, inkino n’imico kama, ari nawe yaserukiye umushikiranganji, yamenyesheje ko kuba hatunganijwe ihiganwa Miss Burundi 2018, ari ikimenyetso ko n’ayandi mahiganwa yatunganijwe yagenze neza, kandi ko ari igikorwa co gushigikirwa, yisunze uburemere bwaryo.

JPEG - 155.6 ko
Leonard SINZINKAYO, Umuyobozi mukuru w’imico n’akaranga mu bushikiranganji bw’urwaruka inkino n’imico kama

« Turashima igikorwa c’ihiganwa rya Miss Burundi kuko rishira ahabona ubwiza n’ubwenge bw’umurundikazi. Dusaba ko iki gikorwa coba icerekana vy’ukuri akaranga k’Uburundi. »

Leonard SINZINKAYO amenyesha ko Reta y’Uburundi ibicishije mu bushikiranganji bw’urwaruka, inkino n’imico kama ataco itazokora kugira ishigikire ihiganwa Miss Burundi 2018.

Ihiganwa Miss Burundi 2018, ritunganijwe ku civugo : « Ukwikorera ivyabo ku barundikazi, vyoza bifasha mw’iterambere ry’igihugu. », akaba ari naco abigeme bazotorwa bazokwisunga mugushikiriza imigambi yabo.

JPEG - 165.2 ko
Miss Burundi 2017 n’ivyegera vyiwe bari bitavye ibirori

Umukobwa mwiza kandi aciye ubwenge azotorwa mu mwaka wa 2018, azoronka agashimwe k’imodoka yo mu bwoko bwa Ractus ahawe n’ishirahamwe ryo gutumatumanako Smart Burundi, ahabwe kandi ikibanza co kwubakamwo kingana n’imetero kwadarato amajana ane, azohabwa n’umuyobozi mukuru w’ishirahamwe Loto Burundi.

Kugira umwigeme yemererwe kuja mw’ihiganwa, bisaba ko aba ari umurundikazi, afise hagati y’imyaka 18 na 25, kuba aba mu Burundi, kuba atubatse kandi ataribaruka, kuba afise ibiro 60 n’ibirenga, kuba apima imetero imwe na sanimetero 65, kuba aba mu Burundi gushika amezi 12 ahere, kuvuga neza ikirundi n’igifaransa.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.