IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Festicab > Amasezerano y’ugufashanya hagati ya FESTICAB na banki BCB yongewe (...)

Amasezerano y’ugufashanya hagati ya FESTICAB na banki BCB yongewe ikiringo

mercredi 29 Ntwarante 2017, par Egide NDUWIMANA

Banki y’ubudandaji BCB (Banque Commerciale du Burundi ) yongereje amasezerano y’ugufasha itunganwa ry’ibikorwa vy’isabukuru ry’amareresi mu Burundi (FESTICAB). Ayo masezerano yateweko umukono kuri uwu wa gatatu ni ay’imyaka itatu, gushika mu mwaka w’2020.

Mu birori vy’ugushira umukono kuri ayo masezerano, uwaserukiye ibanki BCB yamenyesheje ko amafaranga y’amarundi agera ku miriyoni zitanu z’amarundi ariyo azotangwa na BCB muri uwu mwaka, mw’itegurwa rya FESTICAB igira icenda y’umwaka w’2017.

Leonce NGABO, umukuru w’isabukuru FESTICAB yashikirije ko ayo mafaranga azofasha mu bikorwa bitandukanye vy’imyiteguro y’iryo sabukuru.

Isabukuru FESTICAB ry’amareresi rigira icenda rizotangura kuva kw’igenekerezo rya 19 gushika kurya 26 Rusama 2017, icivugo c’uwu mwaka akaba ari : « Ireresi n’agateka k’umukenyezi.»


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.