IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Festicab > Léonce NGABO n’amareresi yo mu Burundi mw’isabukuru muri Japon

Léonce NGABO n’amareresi yo mu Burundi mw’isabukuru muri Japon

mercredi 25 Ntwarante 2015

Amareresi yo mu Burundi ariko agendagenda mu masabukuru y’amareresi yo mu bihugu vy’umugabane wa Asiya. Léonce NGABO niwe yaserukiye Uburundi, yajanye amareresi y’Abarundi azokwerekanywa mw’isabukuru.

Umuririmvyi-mukinyi w’amareresi Léonce NGABO, arongoye Isabukuru Mpuzamakungu y’amareresi mu Burundi (FESTICAB) yaserukiye Uburundi mw’isabukuru ry’amareresi bise "Tokyo Francophonie Film Festival" ku ncuro yaryo ya 2 (2ème Edition) rizobera i Tokyo mu Buyapani, ku nteguro y’ikigo c’Abafaransa c’i Tokyo (institut français de Tokyo).

Amakuru atangwa na FESTICAB avuga ko umunsi wa mbere w’iyo sabukuru y’i Tokyo bivugwa ko witiriwe Uburundi (Burundi Day). Amareresi y’Uburundi azokwerekanwa, akurikirwe n’uguhanahana amajambo kuri ayo mareresi. Muri ayo mareresi azokwerekanwa, hari zibiri za Léonce NGABO : GITO L’INGRAT yabaye ireresi ya mbere ndende mu Burundi hamwe n’ireresi y’Ubushakashatsi (Film Documentaire) ya Ngabo nyene : Burundi 1850-1962. Si izo gusa, n’izindi reresi z’Abarundi Ngabo Léonce yagiye atwaye zizokwerekanwa, aho twobabwira nka : « Autodestruction » ya Fabrice IRANZI hamwe na « Mr et Mme KOKORIKO » ya Maurice NDIKUMANA.

Twobamenyesha ko Ngabo Léonce yafashe urugendo rumushikana i Tokyo kw’igenekerezo rya 23 Ntwarante 2015. Isabukuru nayo ikaba izotangura kw’igenekerezo rya 28 Ntwarante gushika kurya 19 Ndamukiza 2015.

Kugira urwo rugendo rwa Ngabo Léonce rushoboke, Festicab yandika ko vyakozwe kubw’ubucuti bwunzwe hagati y’ishirahamwe « Association d’Amitié Japon-Burundi » ryatangujwe na Seiko Morita.


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.