IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Poritike > Imigambwe > FNL usaba ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati kutemerera umugambwe (...)

FNL usaba ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati kutemerera umugambwe mushasha wa Agathon RWASA

Monday 24 September 2018, by vianney

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuruno wa mbere igenekerezo rya 24 Nyakanga umwaka wa 2018,umukuru wa FNL Jacques BIGIRIMANA yavuze ko batashobora kwemera ko Agathon RWASA asaba kwemererwa umugambwe ashaka gushinga akoresheje ibimenyetso vyabo.

Jacques BIGIRIMANA yavuze ati: “Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu ntibwemere Agatahon RWASA ivyo yasavye ariko gusa bumwishure ko ivyo yasavye vyapfuye impfagusa.”

Uyo mukuru wa FNL yavuze ko niyo ubushikiranganji bwasanga ibiranga umugambwe wa Agathon RWASA bidasa nivy’umugambwe wabo bazokwemera aho intahe izoba ishize.

Jacques BIGIRIMANA avuga ko niyo amategeko yakwirikizwa ibizoba vyemejwe bazovyemera .


Vianney BIKORIMANA

Forum posts

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.