IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Poritike > Imigambwe > Leonce NGENDAKUMANA: “Ntibituraba muri FRODEBU kuko ataco bihindura (...)

Leonce NGENDAKUMANA: “Ntibituraba muri FRODEBU kuko ataco bihindura k’ubuzima bw’abanyagihugu.”

Thursday 7 June 2018, by Jean De Dieu

Umukuru w’umugambwe APDR Gabriel BANZAWITONDE avuga ko ico basaba mu mugambwe iwabo aruko iryo bwirizwa nshingiro rishasha ryoca ritangura gukora kugira umukuru w’igihugu akoreshe ububasha rimuha.

Gabriel BAZAWITONDE yavuze ati: “Dusaba ko iri bwirizwa nshingiro rishasha ritangura gukora kugira umukuru w’igihugu atangure gukoresha ububasha yahawe n’abanyagihugu.”

Icegera c’umukuru w’umugambwe SAHWANYA FRODEBU Leonce NGENDAKUMANA avuga ko ivyo gushira umukono kw’ibwirizwa nshingiro rishasha ataco bibabwiye mu mugambwe wabo kuko ataco bihindura ku buzima bw’abanyagihugu.

Leonce NGENDAKUMANA yavuze ati: “Ntibituraba muri FRODEBU kuko ataco bihindura k’ubuzima bw’abanyagihugu. ”

Leonce NGENDAKUMANA yavuze ko icari kwihutirwa kwari kwicarira ibibazo vy’ubukene,inzara hamwe n’ibindi vyugarije abanyagihugu.

Ico cegera c’umukuru w’umugambwe FRODEBU avuga ko bazobandanya urugamba rwabo kugira abarundi babane mu budasa bwabo kuko umuntu ategerezwa kwubahirizwa uko aba ari kwose.


Bikorimana Vianney

Forum posts

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.