Accueil > Amakuru > Intwaro ibereye > Gitega : Umukuru w’umutumba Mungwa yakuwe asubirizwa n’uwo bavukana
Gitega : Umukuru w’umutumba Mungwa yakuwe asubirizwa n’uwo bavukana
dimanche 22 avril 2018
Amakuru ava aho ku mutumba Jimbi, amenyesha ko umukuru wa Zone Mungwa, DUSHIME Chrysostome ,yakuye mu mabanga Joseph SIMBAVIMBERE yahora arongoye umutumba Jimbi, amwagiriza ko atagishoboye imirimo.
Ayo makuru nyene amenyesha ko Joseph SIMBAVIMBERE yaciye asubirizwa n’uwo bavukana BAVUGEMPORE juvenal.
Twagerageje kurondera umukuru wa zone Mungwa kugira atubwire icatumye uwo mukuru w’umutumba akurwa mu mabanga, ariko ntitwashoboye kumuronka.
MUGISHA Van Naris