IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Ibitaro vy’Abasirikare vyuguruye inyubakwa izokwakira abavyeyi n’abana (...)

Ibitaro vy’Abasirikare vyuguruye inyubakwa izokwakira abavyeyi n’abana 150

vendredi 22 Nyakanga 2017, par Egide NDUWIMANA

Muganga Mariko NIMBURANIRA, umuyobozi mukuru w’ibitaro vy’abasirikare vyo mu Kamenge amenyesha ko iyo nyubakwa izofasha mu gihe ibibanza vy’ukwakiriramwo abavyeyi n’abana vyari bike.

"Twahorana ibitanda 25 mu gisata co kuvura abana, ibitanda 30 mu gisata c’ukwakira abakenyezi. Muri iyo nyubakwa nshasha, dushobora kwakira abarwayi bashika kw’ijana na mirongo itanu dufatiye hamwe abakenyezi n’abana baje kwivuriza ngaha."

Uwo muyobozi abandanya agira ati : "Muri iyo minsi iheze twarabona ko abarwayi batwitura cane cane ari abo mu gisata c’abavyeyi n’abana tudashobora kuronka ibibanza bikwiye kugira tubakire. Tugiye hamwe n’abakozi, twaciye twigira uwo mugambi ko tworondera ahantu hagutse kugira dushobore kubakira neza."

Colonel Mariko NIMBURANIRA avuga ko mu migambi afise ya kazoza, ari uko ibitaro vy’abasirikare vyoba ivy’akarorero mu karere ka Afrika y’ubuseruko n’abasirikare b’Abarundi bakomerekera mu bindi bihugu baba barungitswemwo kugarukana amahoro bashobore kuvurirwa mu gihugu c’amavukiro yabo.

"Twipfuza ko ibitaro vyacu vyoja ku rugero rw’uko abasirikare b’igihugu cacu bakomerekeye iyo bari mu mahanga kugarukana amahoro batosubira kuja kwivuriza i Nairobi canke Afrika y’epfo. Twipfuza ko baza kwivuriza hano mu gihugu cabibarutse aho bavuga indimi bumva, hagufi y’imiryango yabo, kandi bafungura ivyo bamenyereye."

Uwo arongoye ivyo bitaro avuga kandi ko afise ihangiro ry’ukurondera ibikoresho vyo mu buhinga buhanitse, kugira n’abahora baja kwivuriza hanze y’Uburundi baze baritura ivyo bitaro.

Iy’ugururwa ry’iyo nyubakwa ryahuriranye n’isozerwa ry’ibikorwa vy’urumuri rw’amahoro, umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA akaba ariwe yuguruye iyo nyubakwa, yemera n’ukubandanya gushigikira mu migambi y’iterambere ry’ivyo bitaro, agasaba n’abandi barundi bose gufatira akarorero ku ndongozi z’ibitaro vy’abasirikare.

"Twumvise ko afise iyindi migambi y’iterambere, twebwe natwe kuvy’Imana izodushoboza, mu gihe tugihagarariye kino gihugu cacu c’Uburundi, imigambi yose uzorangura, Imana idushoboje kubikora, tuzobikora n’umutima mwiza."

JPEG - 77.8 ko
Petero NKURUNZIZA, umukuru w’igihugu c’Uburundi

Iyo nyubakwa y’igorofa zitatu yubatswe ku mafaranga y’amarundi arenga gato imiriyaridi zibiri, ikazokwakira abavyeyi bagiye kwibaruka canke bivuza ingwara z’abakenyezi, hamwe n’abana bakiri bato.


Egide NDUWIMANA

Messages

  • Hewe Peter uzosiga umugani,Bâtiments Mère -Enfant reka uyugurure siyo ugiye kurundamo aba Maman n’Abana uzoba utarahwanya neza canke wishe,raba ukungene uja no kugurura irimbi rishasha,CPI nitunyarukirize

  • Dear hicuburundi people who think like that need to be DISCIPLINED for us to be developed and you know that ! You know is the ONLY answer.There is no hate on that.Belgium mentality must be destroyed and MUTUAL LOVE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.