Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
’’Ikiza ca Ebola ntikirashika mu Burundi’’-Thadée NDIKUMANA - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Ibiza > ’’Ikiza ca Ebola ntikirashika mu Burundi’’-Thadée NDIKUMANA

’’Ikiza ca Ebola ntikirashika mu Burundi’’-Thadée NDIKUMANA

samedi 12 mai 2018

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kur’uyu wa gatanu igenekerezo rya 11 Rusama 2018, Muganga Thadée NDIKUMANA aramutswa ubushikiranganji bw’amagara y’abantu no kurwanya Sida yavuze ko indwara ya Ebola ivugwa muri Kongo itayihari mu Burundi.

Muganga Thadée NDIKUMANA yamenyesheje ariko ko, ingingo zose zishoboka zamaze gufatwa kugira bakinge ico kiza, nticinjire ku butaka bw’Uburundi.

JPEG - 42 ko
Thadée NDIKUMANA, umushikiranganji w’amagara y’abantu no kurwanya Sida

Iyo ndwara ya Ebola yatanguye kwibonekeza kuwa kabiri igenekerezo rya 8 Rusama 2018, aho abantu babiri babonetse bafise ibimenyetso vy’iyo ndwara, mu gisagara ca Bikoro, kiri mu Buraruko bushira Uburengero bwa Republika Iharanira Intwaro Rusangi ya Kongo.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.