Accueil > Amagara y’abantu > Indwara y’igituntu isanzwe ifise imiti irabandanya kwica abantu
Indwara y’igituntu isanzwe ifise imiti irabandanya kwica abantu
samedi 24 Ntwarante 2018, par
Muganga Matshidiso Moeti yahamagariye abakozi bo mu buvuzi, amashirahamwe yigenga, kurwiza ubuzi bujanye no kwiga ukuntu borwanya iyo ndwara y’igituntu gushika no mu mizi. Yasavye kandi ko hoba ivyirwa bikomeye bijanye no gukurikirana abafashwe niyo ndwara.
Muganga Matshidiso yasavye kandi ko Reta yobigiramwo uruhara runini biciye mu gisata kibijejwe, ndetse no kurwiza uburyo muri ico gisata co kurwanya indwara y’igituntu ku buryo imiti nkenerwa yoguma mu bubiko bwayo ku rwego rw’igihugu cose.
Muganga Matshidiso Moeti yiyemeje ko akirongoye akarere ka Afrika mu rwego rwo kw’isi yose mu buvuzi, azokora uko ashoboye ku buryo iyo ndwara y’igituntu iranduranwa n’imizi.
Callixte NDIKUMANA