IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > Ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru b’inkino mu Burundi AJSB riramutswa (...)

Ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru b’inkino mu Burundi AJSB riramutswa abarongozi bashasha

lundi 25 Nyakanga 2017

Inyuma y’amatora abandi batowe kuja mu rwego nyobozi rw’ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru b’inkino mu Burundi ni Evariste NZIKBANYANKA yatowe kuba icegera c’umuyobozi w’ishirahamwe akaba kandi umumenyeshamakuru kuri Radiyo Isanganiro n’Iradiyo Ijwi rya Amerika, umubitsi ni Elvis IRADUKUNDA ,umumenyeshamakuru w’inkino kuri Radiyo Buja FM.

Abandi batowe ni Thierry Niyungeko,yatowe kuba umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe hamwe na Emery Nkunzimana batazira "Bizos", yatowe nk’icegera c’umubitsi.

Bibaye ku ncuro ya mbere aho ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru b’inkino rutwarwa n’umukenyezi, abatowe bafise ikiringo co kurongora ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru b’inkino imyaka ine.

JPEG - 58.5 ko
Liliane NSHIMIRIMANA yatowe kurongora ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru b’inkino mu Burundi

MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.