IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Inkino > Uburundi bwakiriye inama ya 36 ya Rotary Club

Uburundi bwakiriye inama ya 36 ya Rotary Club

Thursday 26 April 2018, by Jean De Dieu

Ibihugu vyitavye iyo nama igira iya 36 ni ibihugu vya Cameroun, Kongo, Gabon, RDC,Centrafrique, Rwanda, Saotome, Tchad, Guinee Equatoriale hamwe n’Uburundi bwakiriye iyo nama.

Muri iyo nama, hitezwemwo abantu bashika 400 harimwo ijana bo mu gihugu ca Reta iharanira intwaro rusangi ya Kongo, 100 bo mu Burundi hamwe n’abandi 200 bava mu bindi bihugu 8 bisigaye.

Muvyo ishirahamwe Rotary Club rimaze gukora mu Burundi hariho ibikorwa vyo gutunga amazi meza mu bice vya Sororezo hamwe no mu bice vya Mukinya-Cigumije mu ntara ya Ngozi,gutera ibiti mu mihingo itandukanye y’igihugu ,umugambi ujanye no gushigikira igisata c’amagara y’abantu mu gutanga amakarata yo kwivurizako “CAM:Cartes d’Assurance Maladies ” ku miryango 500 y’abateshejwe izabo

Ibindi bimaze kurangurwa na Rotary Club hano mu gihugu n’igikorwa kijanye no gufasha amashirahamwe ya banyamwema,umugambi wo gutanga amaraso mu guhimiriza abayatanga hamwe n’ibikorwa vyo guhimiriza bijanye no gutanga imfashanyo kubahuye n’umwuzure mu gatunguru mu mwaka wa 2013.

Ishirahamwe Rotary Club risanzwe rifise abanywanyi bangana umuriyoni ryashinzwe mu kw’igenekerezo rya 23 Ruhuhuma 1905 n’uwitwa Paul Harris icicaro caryo kikaba kiri i Evanston mu gihugu ca Reta zunze ubumwe bwa Amerika kuva mu mwaka wa 2017 rikaba ritwagwa na Ian H.S.Riseley.


IGIHE

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.