IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imico kama > Umuco > Karenga:CNC ifise ububasha bwo kugenzura ikintu cose gica mu (...)

Karenga:CNC ifise ububasha bwo kugenzura ikintu cose gica mu bimenyeshamakuru

jeudi 12 Nzero 2017

Umukuru w’ikigo CNC kijejwe gukurikirana ingene ibinyamakuru bikora Karenga Ramadhani amenyesha ko ikigo arongoye gifise ububasha bwo gukurikirana ikintu cose giciye mu bimenyeshamakuru.

Inyuma y’ingingo yafashwe ko indirimbo yose y’abarundi izoca mu bimenyeshamakuru izobanza gusuzumwa n’ikigo CNC,ubushikiranganji bw’urwaruka,inkino n’imico kama bwamenyesheje ko aribwo bufise igikorwa co gukingira imico n’imigenzo y’igihugu.

Karenga Ramadhan,inyuma y’ivyashikirijwe n’ubushikiranganji, yavuze ko ahubwo itegeko rigenga CNC ryerekana neza ko CNC ariyo ifise ububasha bwo kugenzura ibica mu bimenyeshamakuru.

Umukuru wa CNC amenyesha ko iyo ikinyamakuru kivugije indirimbo canke kikavuga amajambo arimwo ibitutsi,ikigo CNC nico gifise ububasha bwo guhana ico kinyamakuru,atari uwabivuze canke uwaririmvye.

Karenga Ramadhan amenyesha ko indirimbo nkiyo ishobora guca ahandi hose atari mu binyamakuru.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.