IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Ni gute noyagira ivy’ubutinyanka umukobwa wanje ?

Ni gute noyagira ivy’ubutinyanka umukobwa wanje ?

mercredi 28 Ruhuhuma 2018, par Egide NDUWIMANA

Abanyeshure twayaze bari hagati y’imyaka 10 na 17 bo kw’ishure ryisumbuye rya Lycée Municipal Ngagara, baratubwiye ko igihe babona bagiye muri ico gihe ubwa mbere bitari ibihe vyoroshe. Umwe muribo agira ati : "Nari mw’ishure hama nsaga mfise amaraso ku mwambaro w’ishure, kw’ijipo. Naciye ntangura kugira ubwoba nibaza ko hari aho nakomeretse canke noba nagwaye. Nshitse muhira rero niho umuvyeyi yaca abwira ko nashitse mu butinyanka."

Uwo mwigeme avuga ko umuvyeyi wiwe yamubwiye ngo ntaze asubire kwegera abahungu.

"Umuvyeyi yambwiye ko nabaye umukobwa akuze, kandi ko nshobora no gusama!"

Ukwo kubona ubutinyanka ntivyakirwa kumwe n’abigeme. Abo twashoboye kuvugana batandukanye baravuga uko vyagenze, nk’uko biri muri izo nyishu zatazwe n’abanyeshure bo kw’ishure ryisumbuye rya Ngagara..

"Jewe igihe naja mu butinyanka ubwa mbere naragize ubwoba bwo kubibwira umuvyeyi wanje. Niwe yavyiboneye !"

"Jewe mama wanje igihe naja mu butinyanka yambwiye ko ninaryamana n’umuhungu ubwo nyene nzoca ntwara inda!"

"Jewe mama yarandemesheje aranyereka imbere ya vyose ingene bambara karya gatambara kipampa (Cotex), arambwira ivy’isuku n’ibindi bijanye n’ingene nokwifata."

Umuvyeyi yotegura gute umwana wiwe atarinze kumutera ubwoba?

Kubwa Marcelle Ndanezerewe yize ibijanye n’ivy’inyifato ,ngo si vyiza ko muvyeyi agira ubwoba bw’ukuyaga n’umwana wiwe ibibazo nk’ivyo.

"Abavyeyi benshi barakaza ubwoba bwo kuyaga ivy’ubutinyanka n’abana babo, kuko babona umenga ni ibitera isoni."

Uwo yanonosoye ivy’inyifato aravuga n’ingaruka z’ukwo kutayaga : "Ingaruka mbi ya mbere ihari n’uko iyo umuvyeyi atabiyaze n’umwana hakiri kare umwana araheza akarondera amakuru ahandi. Ayo aheza akaronka kenshi ni ayububeshi canke ugasanga bamuhaye amakuru afobetse."

Umwanya mwiza wo kuyaga ivy’ubutinyaka n’umwana, kubwa Marcelle Ndanezerewe, ni guhera ku myaka 7.

Marcelle Ndanezerewe avuga ko kuri iyo myaka usanga umwana kenshi abaza utubazo twinshi. Akarorero : "Mbega mama utu dutambara (Cotex) udukoza iki?"
Canke umwana akabwira umuvyeyi ati : "Nabonye umukozi wo mu nzu aturera yari afise amaraso ku mpuzu.."

Muri utwo tubazo, uwo muhinga avuga ko ariho umuvyeyi ategerezwa guhera nyene kugira amuyagire ivy’ubutinyanka kandi akamubwira mu mujambo yumva.

Ikindi Marcelle Ndanezerewe amenyesha, n’uko umuvyeyi yobandanya ikiyago no mu gihe umwana yamaze no gushika muri vya bihe vy’ubutinyanka, agategerzwa kumuhumuriza akamubwira ko ivyo bihe ataco vyica, ko ashobora kuja kw’ishure, ashobora gukora udukorwa dutandukanye mu gihe yambaye ka gatambara kamukingira (Cotex), kandi bakamwigisha n’isuku mu gihe cane cane ari mu butinyanka.

Ikindi umuvyeyi atokwiyobagiza kuvugana n’umwana, ni ibijanye n’irondoka rijanye n’amagara meza, aho twovuga nk’akarorero aho umukobwa ashobora gusamira, guharura ibijanye n’ubutinyaka, nibindi.

Marcelle Ndanezerewe yanonosoye ibijanye n’inyifato yibutsa ariko ko izo mpanuro zose zitaraba abavyeyi b’abakenyezi gusa, ahubwo ziraba n’abavyeyi b’abagabo.


Ornella DUSHIME

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.