IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Intwaro ibereye > OAG : Uburyo butangwa ku bushikiranganji bw’ubutungane ni buke

OAG : Uburyo butangwa ku bushikiranganji bw’ubutungane ni buke

mardi 16 Rusama 2017

Mu gihe kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 16 Rusama 2017 hashikirijwe icigwa cerekana ivyaranguwe n’ubushikiranganji bw’ubutungane mu mwaka wa 2016, Godefroid Manirambona arongoye OAG yavuze ko ico cigwa cakozwe mu ntumbero yo kumenye ko ubwo buryo butangwa ku bushikiranji bw’ubutungane bufasha mu gushikiriza ubutungane kuri bose, n’uko ubwo buryo bukoreshwa neza.

Umwigisha wo muri kaminuza, Michel Masabo yashikirije icigwa ku vyaranguwe n’ubushikiranganji bw’ubutungane mu mwaka wa 2016, yamenyesheje ko ubwo bushikiranganji bwaronkejwe uburyo bushika ku miriyaridi 17.210.807.959 z’amafaranga y’amarundi akaba agera ku bice 1,37 % ku buryo Reta yari yategekanije gukoresha mu mwaka wa 2016.

Michel Masabo amenyesha ko ubwo buryo ari buke ugereranije n’ibikorwa ubushikiranganji busanzwe burangura uko umwaka utashe, ariko arashima ko naho biri uko, ko ubushikiranganji bw’ubutungane bwaranguye ibikorwa bitari bike.

JPEG - 109.7 ko
Michel Masabo, umuhinga yakoze ico cigwa

Uwo mwigisha wo muri Kaminuza amenyesha ko ukubura uburyo, abakozi badakwiye hamwe n’ibikoresho bidakwiye biri mu bituma ubutungane butigenga, kuko iyo umucamanza aronswa agahembo kadakwiye biri mu bituma ashobora gukoreshwa, gutyo ugasanga bwa butungane budashikiriye bose.

Michel Masabo asaba ko ubushikiranganji bw’ubutungane bwoza buraronswa uburyo bukwiye buri mwaka, kugira bifashe gutsimbataza amahoro kuri bose na cane cane gushikiriza ubutungane kuri bose.

Ico cigwa cakozwe n’ishirahamwe rikurikirana ibikorwa vya Reta rifadikanije n’ishirahamwe ry’abacamanza b’abakatolika bo mu Burundi, bafashwe mu mugongo n’ishirahamwe Cordaid.

Messages

  • Uwo mutama nyimba ataba mu Burundi vraiment! Ubwo butungane avuga bwo mu Burundi abubona hehe?

    Icahora citwa Justice gisigaye ari INJUSTICE; abahora bitwa Abacamanza basigaye bitwa ABARYAMANZA; Imanza zahora zija mu mwiherero ubu zija mu MWIHEBURO; etc...! Ubu n’akaga gusa!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.