IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amakuru > Intwaro ibereye > OLUCOME isaba umufasha w’umuhuza kugondoza Reta kuja mu biganiro

OLUCOME isaba umufasha w’umuhuza kugondoza Reta kuja mu biganiro

Thursday 19 April 2018, by Jean De Dieu

Mu rwandiko inomero 007/OLUCOME/04/2018,ishirahamwe OLUCOME ryandikiye Benjamin Willaima MKAPA kw’igenekerezo rya 19 Ndamukiza 2018, Gabriel RUFYIRI amenyeshako bamenya yuko Reta y’Uburundi yafashe ingingo yo guhagarika kwitaba ibiganiro bibera hanze biciye mw’itanganzo ry’ishirahamwe ry’ibihugu vya Afirika hamwe n’ishirahamwe mpuzamakungu Onu.

Uyo mukuru wa OLUCOME avugako vyatumye na Reta y’Uburundi kw’igenekerezo rya 17 Ndamukiza 2018 ica isohora itangazo rijanye n’iryo tangazo ry’ayo mashirahamwe uko ari 2.

Gabriel RUFYIRI amenyeshako iryo tangazo rya Reta y’Uburundi rivugako Uburundi buzobandanya ibiganiro ariko vyibonekeza ko idashaka ibiganiro bibera hanze y’igihugu.

Uyo mukuru wa OLUCOME avuga ko icemeza ko Reta idashaka ivyo biganiro aruko uwayiserukiye mu biganiro biheruka yemeje ko Reta y’Uburundi itazokwitaba ibiganiro ibikorwa bijanye n’ihinyanyurwa ry’ibwirizwa shingiro hamwe n’inama ya COMESA bitegekanijwe mu mezi ya Rusama na Ruheshi bidaheze.

Gabriel RUFYIRI asigura ko ivyo bidatahuritse kuko ivyo bikorwa bibiri bidasumba gutorera inyishu ibibazo bihanze igihugu bitumye abarundi benshi bamererwa nabi.

Mu rurwo rwandiko Gabriel RUFYIRI arangiza asaba ababifisemwo uruhara bose gukora ibishoboka kugira Reta igondozwe ibiganiro bisubire gutangura vuba.


Bikorimana Vianney

Forum posts

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.