Uburundi bwaserukiwe mu nama y’ukurwanya ibiturire yatanguye muri Autriche

Yanditswe na Egide NDUWIMANA
Kuya 6 Munyonyo 2017 saa 01:43
Yasomwe : 22554
0 0

Inama mpuzamakungu igira indwi ihuza ibihugu vyateye umukono ku masezerano yo kugwanya igiturire yatanguye kuri uwu wa mbere i Vienne mu gihugu ca Autriche. Reta y’Uburundi yaserukiwe n’intumwa zitatu zirongowe na Serges NDAYIRAGIJE, umushikiranganji ajejwe intwaro ibereye. Amashirahamwe nayo adaharanira ivyicaro vya poritike yaserukiwe na Gabriel RUFYIRI, umukuru w’ishirahamwe OLUCOME.

JPEG - 233.8 ko
Reta y’Uburundi yaserukiwe n’intumwa zitatu zirongowe na Serges NDAYIRAGIJE, umushikiranganji ajejwe intwaro ibereye (hagati)

Ishirahamwe ryiyemeje kugwanya igiturire n’ugusesagura itunga rya Reta, OLUCOME risaba inama mpuzamakungu ihuza ibihugu vyateye umukono ku masezerano yo kugwanya igiturire, ko yotora ingingo izotuma Uburundi buzogwanya igiturire.

Mw’itangazo rya OLUCOME, Gabriel RUFYIRI arongoye iryo shirahamwe yamenyesheje ko bibabaje kubona igihugu c’Uburundi kitashize mu ngiro ivyo casabwe mu cegeranyo ca mbere co kuva mu 2011 gushika 2015.

OLUCOME isaba ko muri iyo nama hotorwa ingingo izotuma igihugu c’Uburundi gishobora kugwanya igiturire kuko ivyaha bijanye no kunyuruza amatunga hamwe n’imitahe gushika ubu bitarahanwa.

JPEG - 87.8 ko
Gabriel RUFYIRI, umukuru w’ishirahamwe OLUCOME ari muri iyo nama yatanguye kuri uwu wa mbere

Inama mpuzamangu ihuza ibihugu vyateye umukono ku masezerano yo kugwanya igiturire yatanguye kuri uwu wa mbere igenekerezo rya 6 gushika igenekerezo rya 10 Munyonyo 2017 ku mugwa mukuru Vienne mu gihugu ca Autriche. Inyuma y’iyo nama, abahinga ba ONU bakurikiranira hafi ibijanye no kurwanya igiturire bazosohora icegeranyo ca kabiri kivuga uko ukurya ibiturire vyifashe mu bihugu vyateye umukono ku masezerano y’ukurwanya abanyuruza amatunga ya Reta.


Kumenyekanisha

1
Karikurubu 8-11-2017 à 10:19

Haahah u Burundi ni ubwambere kw’isi mu kurya igiturire,DD muvyo yahimirije indongozi zose z’igihugu nico kiza imbere, asha iyo nama ni uguta umwanya kabisa

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha