IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Urukundo > Uguhuza ibitsina hagati y’ababisangiye vyoba bibaho mu Burundi?

Uguhuza ibitsina hagati y’ababisangiye vyoba bibaho mu Burundi?

mercredi 4 Gitugutu 2017

Mu bihugu vyinshi vyo ku mugabane wa Afrika barabihana nk’uko amatohoza yakozwe mu mwaka wa 2014 avyerekana. Ibihugu 38 kuri 54 vyo muri Afrika birahana iryo huzabitsina ku babisangiye.

Naho iyo nyifato yamyeho kuva kera mu bihugu bimwe bimwe vyo ku mugabane wa Buraya, ku mugabane wa Afrika hoho iyo nyifato iguma ari umuziro.

Umwe mu bahuza ibitsina babisangiye w’umurundi amenyesha ko kumera uko ari kamere k’umuntu kandi ko bidashoboka ko muribo bahindura uko bari. Amenyesha ko ubuzima bwabo butoroshe kuko mu kibano batemewe.

Dufatwa nk’abarenze imico n’imigenzo.” Niko avyemeza. Arongera akamenyesha ko ata shirahamwe rihari riharanira agateka kabo.

Mu ntango y’ikinjana ca 21, iyo nyifato ho yatangura kuja ahabona cane. Si agaseseshwa rumuri, biriho no mu gihugu c’Uburundi.

Muri uwu mwaka w’2017, ibihugu bimwe bimwe vyo mu mahanga nk’Ubudagi, Malte n’ibindi vyaremeje amategeko arekurira abasangiye ibitsina kwubakana mu gihe abacamanza 47 bahurikiye mu bihugu 47 vy’inama ya Buraya bemeje ko ata burenganzira babifitiye.


Huguette NKURUNZIZA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.