IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > Umuhinga w’u Mudagi aje gutezimbere umupira w’amaguru mu Burundi

Umuhinga w’u Mudagi aje gutezimbere umupira w’amaguru mu Burundi

dimanche 18 Munyonyo 2012

Uyu mugambi uri mu masezerano yatewe ko igikumu hagati y’ubushikranganiji bw’imigenderanire y’igihugu c’u Budagi hamwe n’ubushikiranganji bw’imigenderanire y’u Burundi n’amakungu kuri uyu wa gatanu itariki 16 z’ukwezi kw’icumi I Bujumbura.

Uwo mugambi uzotangura mu kiringo c’imyaka ibiri igihe uwo muhinga azoba amaze gushika mu Burundi. Ico gihe gishobora kwongerwa gushika ku myaka itatu canke ine.

JPEG - 72.4 ko

Laurent Kavakure, umushikiranganji w’u Burundi ajejwe imigenderanire n’amakungu yamenyesheje ko ayo masezerano asigura imigendiranire myiza mu kurungika mu Burundi Rainer Willfeld, umuhinga mu gisata c’umupira w’amaguru. Yagize ati: “Turamaze kumvikana umugambi w’ugufashanya mu gisata c’inkino”.

Muri uwo mugambi, umushikiranganji Kavakure yizeye ko ubuhinga murukino rw’umupira w’amaguru buzova aho bwari buri bukaja kurundi rugero. “Turashaka gushiraho umugwi ukomeye cane muri afirika yose’’. Ku bwa Kavakure , irungikwa ry’umuhinga mu mupira w’amaguru n’abadagi bizotuma uburundi bushiraho ingingo nshasha mu mahiganwa. Ivyo bizofasha umupira w’amaguru gutera imbere mubice vyose vy’igihugu.

Muri urwo rwego rw’ugufashanya, igihugu kizohungukira kandi ibindi nk’ukwigisha ingene umupira ukinwa n’ingene umukinyi aterimbere, kwigisha no gukarihiriza ubwenge abamenyereza b’umupira w’amaguru bo mu gihugu , hazotangwe mbere n’impapuro z’umutsindo kubanyereza.

Nayo Bruno Brommer, aserukira ubudagi mu Burundi avugako ibikorwa vy’uwo muhinga bizokwibanda mukuzana ubuhinga bushasha buzotuma urukino rw’umupira w’amaguru ruterimbere.


Pierre Claver Niyonkuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.