IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amakuru > Intwaro ibereye > Umukuru w’igihugu Pierre NKURUNZIZA yuguruye umugambi w’igihugu w’iterambere (...)

Umukuru w’igihugu Pierre NKURUNZIZA yuguruye umugambi w’igihugu w’iterambere « PND 2018-2027»

Wednesday 22 August 2018, by vianney

Mw’ijambo ryiwe ariko yugurura uyo mugambi w’igihugu,Umukuru w’igihugu Pierre NKURUNIZA yamenyesheje ko uwo mugambi uzomara imyaka 10 bawutanguje mu gihe igihugu kiriko kiratera imbere bimwe bishimishije mu bijanye na poritike,ubutunzi hamwe n’imibano.

Umukuru w’igihugu Pierre NKURUNZIZA yasavye abarundi gufata uyo mugambi w’igihugu w’iterambere nk’uwabo bongere bakorane umwete kugira bashikire iterambere rirama mu vy’ubutunzi n’imibano ,abasanzwe bafasha mu bisata bitandukanye nabo yabasavye kuzokwisunga uyo mugambi w’igihugu mu bikorwa vyabo.

Ico gikorwa co kugurura k’umugaragaro uyo mugambi witabwe n’abagize reta y’Uburundi,abayobozi bakuru ba reta,abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi hamwe n’abandi.


IGIHE

Forum posts

  • Andika hano Nyakubahwa Perezida Petero Nkuru Nziza Amahoro Komera Kubikogwa Ntawevyishe Atarwo Vyakijije . Imana Ikomeze Kubahezagira.

  • uyo mugambi jewe nkumurundi nkunda igihugu canje ndawushigikiye komera komera

  • Bokwemera impanuro za Faustin vyoba vyiza gusumba kwama mu migambi adashika

  • Natwe i Bugendana turacarindiriye ikibuga c’indege ca rutura muri Africa twemerewe izuba riva, nibaze ko imvugo izoba ingiro...gushika 2020.

  • UWOMUGAMBI WA PREZIDA NIMWIZA TWEBWE ABARUNDI TURAWUSHIGIKIYE. BOHA KARIBU ABAGWIZA TUNGA MVA MAKUNGU KWINJIRA KUBWINSHI BATARINZE KUGIRA VISA VYOFASHA GUTEZA IMBERE IGIHUGU.RAMBA NYAKUBAHWA PREZIDA PIERRE NKURUNZIZA.

  • Andika hano TURASHIMA IMIGAMBI YANWENICUBAIHIRO..NYAKUBAHWA NDUMWE MUBAHOZE KURUGAMBA. NKABAHOZEKURUGAMBA DUFISE IKIBAZO MWARIMWAVUZEKO HAGIYEKUBA IGISIRIKARE CABAHOZEKURUGAMBA BIGEZEHE?

  • Ni vyiza ,ariko twirinde gutamba ,tutarumva umurisho w’ingoma! Ni kenshi,imigambi yiyumvirwa ariko igahera mu mpapuru(ou résultats escomptés mediocres pour ne pas dire absents)! Mwombwira Vision 2025, CSLP II

  • Gusa mutama Nkurunziza ni we we ngomba mbwire urabonako muburundi hakenye vyinshi vyogukora turakenye amakapannie akora ibintu nko mubi ndi bihugu Numuyaga nkuba abarundi turawukeny nintwaro ibereye bisaba ko umurundi yogirijambo mugihugu ciwe akandi abajejwe umutekano bakubahiriza umweneburundi murakoze

  • Ok komera none uwo mugambi uzokora gute?none hoho ukorera muntara gusa canke nomuma commune.

  • natwe i makamba Nyakubahwa Mutama Petero Nkuunziza komera ku bikorwa vy’iterambere iyi PND izotuma tubandanya dushike kure duca tube abanyaburaya kandi twiryamiye aha ngaha i Burundi nta kudandazwa nk’ibitungwa.

  • NIYIRAMBIRE UMUTAMA WACU KUMIGAMBI MYIZA AKOMEZA KUTUGEZAHO HAPO MUTAMA.

  • IMIGAMBI N’imyiza ariko kuyishira mungiro biragoye, mbega vision 20-25 igeze hehe? sinibaza ko 2027 tuzoba tugeze kure muraza abarundi tubanze twivuze kuko turagwaye, niho tuzoshobora gutera imbere.murakoze

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.