IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > Abadasigana barongowe na Concilie Nibigira bihindutse Petero (...)

Abadasigana barongowe na Concilie Nibigira bihindutse Petero Nkurunziza

vendredi 8 Rusama 2015

Mu gihe hari hasigaye iminsi idashika itatu kugira ukwiyamamariza abazoja mu nama nshingamateka n’abazoja mu nama mpanuzwa jambo y’amakomine, umugambwe UPRONA ishami rya Concilie Nibigira wahinduriye umukenyuro CNDD FDD.

Uwo mugambwe bivugwa ko usanzwe ucuditse na CNDD FDD uri ku butegetsi, ukaba washikirije itangazo abarundi n’amakungu, ko ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza kidakurikije amategeko, ko na sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro, yabirengejeko uruho rw’amazi, mu kuvuga ko umukuru w’igihugu atarakwiza ibiringo ahabwa n’ibwirizwa nshingiro, kandi iyo sentare nyene yivugira ko ikiringo ca mbere kitasa n’ibindi, ariko bemera ko cari ikiringo.

Ahabo, umugambwe w’abadasigana UPRONA urongowe na Concilie Nibigira, uvuga ko utoshigikira ihonyangwa ry’amasezerano y’i Arusha, kandi uwo mugambwe wabaye uwa mbere mu kuyaterako umukono. Uwo mugambwe kandi ugasaba abari mu myiyerekano, kuyigira ataco bononye, mu kwubahiriza amasezerano bahabwa n’ibwirizwa nshingiro.

Iryo tangazo uwo mugambwe warishize ahabona, rikaba ryashitse mu gihe ataminsi yari bwahere yaba icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Prosper Bazombanza ava muri uyo mugambwe, Concilie Nibigira umukuru w’uyo mugambwe na Gaston Sindimwo umunyamabanga mukuru w’uyo mugambwe, bivugiye ko atamukandida n’umwe batinya guhiganwa, ko yaba Petero Nkurunziza canke uwundi wese, bazohiganwa. Bakaba ndetse bagiye barabwira bamwe mu banywanyi babo, ko Petero Nkurunziza aboshaka kumutsinda, atahandi atari mu kazu k’amatora.

Abakurikiranira hagifi ibibazo vya UPRONA yemewe n’ubutegetsi, bakavuga ko vyogorana ko uwo mugambwe uva inyuma CNDD FDD, mu gihe vyagiye biragaragara ko umugambwe uri ku butegetsi wagiye ubashigikira rwose mu gushiraho inzego zisanzwe zirogoye uwo mugambwe UPRONA, zatumye mbere uwo mugambwe ucikamwo amashami, uruhande rugizwe n’abashingamateka nka bose bo muri uyo mugambwe, birukanwa mu ngoro ya UPRONA ku Mugumya. Eka mbere, hakaba hari n’abandi bemeza ko hoba hari ukudahuza mu nzego zirongoye uwo mugambwe muri bino bihe, na cane cane ku bijanye n’ico kiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza.

Ico cuka kibi kivugwa muri UPRONA ariko , Gaston Sindimwo umunyamabanga mukuru w’uyo mugambwe arabibeshuza.


Aristide Nizigire

Messages

  • Biradyoshe cane, tera iyo sema itumva. Ahubwo yaribagye guharura cumi(10) avyita bitanu(5). Nukwiga ntiyize ntawize E.P.S yomenya guharura. Harumu président yambara ikabutura akaja mukibuga kumupira ahogutunganya igihugu akaguma ayayatira kugapira.

  • UPRONA niww duhanze amaso gaba wigaze mu Burundi... Ndabasavy mwirukane uwo mu congo man umugabwe usubire kuba umugabwe.

  • Noneho UPRONA birayiburiye ubuho bazegamirahe?burya bibagiye kahise kabo kavuba ko bikuye kuwahora abashigikira nibigire rero kuko nutwo dutebe bari bafise ntawo bazosubira kuronka canke bazi ivyo bagize vyoba vyaribagiwe

  • toutes mes felicitations, nari natangaye! imwaka wamaze ukorera iprona yakera n ubuntu warufise n ubukristu bwawe. mais sinigeze nihebura narinzi ko uriko urakina jeux abo ba dd kuko bari bagufashe burwati ariko ubu nta bubasha nabumwe bagufiseko. hasigaye ko usaba ikigongwe abarundi wahemukiye bakicwa ataco bazira kuko wari watinye kubabera mu kibanza. moi, personnellement ,je te comprends et je te pardonne ariko utere itambwe usabe ikigongwe abarundi naw ubohoke k umutima ubohore n uruvyaro rwaw. imana ikuje imbere.

  • Womugore Azopfanabi Uwomukongomani Gaston Vubu Arasubira Iwabo

  • bahenda nde ? ntihagire nuwusubira kubumviriza izo mburakimazi ingorane dufise nimwebwe,

  • yemwe amakungu nave hasi adufashe kuko twarushe

  • ntakwiyumvira bagira kndi kuma radio amwamwe
    nunva mu makuru yinkino bavuga ngo yatsinze 3buts wenyene hama uburundi bukama butsindwa kandi dufise meilleur butaire ntiyoheba ico kiringo agakina umupira gusa?

  • Reka dufate ko ivyo Concile yagize yabigize kubwo gutinya kwicwa.rero natere iyindi ntambwe baje hamwe n irindi shami baje hamwe ariko Gaston nimba ari intambamyi bamufute mu mugambwe akurikire abo ba dd biwe.

  • Aho rero bagira batubeshe, ubwenge bazi ngo babusumvya nde?

  • Mwebwe mweeeese mwishira mukibanza c’umuntu mukavuga ivyo atababwiye canke ivyo mutakoranye, mukavuga ngo naka yegamiye aha canke harya,mukandika amajambo aryanisha kandi yerekana inzigo mufise mu mitima, reka ndabibutse ko ataho mutandukaniye n’abo turiko turagwanya muri iki gihe, kuko kwica bifise insigiro nyishi, murirabe rero mu majambo yanyu, mu mitima yanyu, kuko nawewe wifuriza inabi uwundi muntu, uri umwicanyi nk’abo bose
    Wibuke ko uzobibazwa, wemera imana utemera imana, nuko bimeze

  • Iyo bumrnya umwe bwari ikindi. Aho Concilie abonye ko Peter bigire bimutekurukane none ariko arondera inziri yo kurondera ibibanza mu bazomusubirira. Twarabahinyuye!!!

  • concioiya yaragutse ni mushiki wa ndakugarika ico nigihemu nigihemu cumukecuru ..ntitumwemera nkabanyagigu niyo twamesa aba dd nawe tuzomujanirana

  • jewe haribintu ntunva. none ko porona ya conciliya yaherekeje peter kudeposa ama dossier ni biki. ahubwo ni fente concililia ariko aragira. barasara sha none ko onu yavuze ko amatora yokwigizwa inyuma peter nabiwe bavyanse, ndababwire tuzopfa amakungu Araba. None birasiga ubwenge ninde ashoboye gu stopa uwo mugwayi peter. Raba iyo fotos cest un malade mental. Ariko yemwe nta gisoda dugifise turagusavye utugarukire Buyoya, nayo Gaciyubwenge we ni Gaciye ubujuju

  • wewe utukana ntakimazi. hoo!

  • concilia nagum hamw ivyo kutambatamba bisigur iki?abaz igiswahili bavug ngo" mupenda tuwili kamoja kamemuponyoka,"acemer amosha yokwicamw 2 ntiyabon iyobija.nagabany itama kuk ivyiw birahari Imana yarabimwandikiye.ah ashak kub aritanga uwuzotsinda ac mubwir koyar yiyonkoy kumugambwe CNDD FDD!aribesh tu!!!

  • gaston numurundi kandi azicakora komera gaston m wibuke ko kizira kwifatanya numuntu adashaka iciza

  • Ico bikora tant que Uprona sera dirigé par ces gens concilia, gaston... bazombaza, nta jwi ryanje bazosubira kumbonako. Nahora mpfa guhumiriza nkabatako. Mais sans unification? Jamais de la vie

  • concillia ivyiwe birazwi kwari abavyara ba cndd-fdd nareke inkinamico.

  • Nivyiza cane aboberetsakarorero abandi

  • Ameze nk’abandi banyepolitike benshi gose bo mu Burundi na Afrika, turi kw’ishule tubiga. Burya baharanira inyugu zabo, bazopfa bose ntibazibukwa. Ni aba malheureux bambere kw’iyi si ku mitima yabo.

  • ayo n’amanyanga n’irementanya vyabo ntawotebako

  • Oyéé ! Abashingantahe baramaze kwitaba urw’abagabo nayo ubundi mu Burundi nta Bantu b’Ijambo bagihari. Mbega Rwagasore agarutse mwomubwira gute? Iyo murimwenye ntasoni mugira ukuntu mwiyita :"Uprona yokwanaka ?". Ariko ntagitangaje ngo:"wiba uhetse ukaba uriko urigisha uwuri mu mugongo ". Komwabikuye mub’abavyeyi banyu. Nimuhinduke mwikubite agashi ,muje ibuntu.

  • Mbega UBugome ABantu Mufitiye igihugu bugarugirahe amaronko gusa mugatuma amaraso aseseka

  • Ahaaaa harajw ubwo unomunsi hari hasigay amasaha make ni ho ubwenge bwagarits???? Reka KO mwemey kuyajamwo muze tubatsinde impaga.2010 ntimukiyibuka? Tur baband nye ne:"irarara".

  • ewe nibigira shaa,ego wibutse gutera umusure wamaz kwigurukira!ivyo ukora vyose noguhanura gusubiza umugambwe benewo!

  • Kirazira Kikaziririrwa Kuniganwa Ijambo Bamushigikiye Nivyiza Batamushigikiye Naho Nibabivuge Bareka Gucisha Hirya No Hino.

  • abantu mugifitiye icyizere uprona ndababariye pe, Agaton na Alexi umwe yaba president undi premier ministre kuko nibo barundi bonyine musigaranye bavugisha ukuri kw’aho bahagaze abandi bose n’inda ziri imbere.

  • UPRONA ya concilie ntibasubire guhenda abantu kobadashigikiy CNDD FDD ahubwo
    bariko bahenda abantu ngobabatore ariko abanyagihugu bamenye kuwuzobatora azoba atoy ubwicanyi,ubusuma,esclavge kk azoba atoy CNDD FDD ntaho bitaniy turabazi ivyabo bihagij

  • UPRONA ya concilie ntibasubire guhenda abantu kobadashigikiy CNDD FDD ahubwo
    bariko bahenda abantu ngobabatore ariko abanyagihugu bamenye kuwuzobatora azoba atoy ubwicanyi,ubusuma,esclavge kk azoba atoy CNDD FDD ntaho bitaniy turabazi ivyabo bihagij

  • Emwe Reko Batangare Abo Bagumyabondo Barajwe Ishinga Nukumanyagura Imigambwe
    Ahubwo Concilia Nakomeze Arungike Abiwe Mumyiyerkano Azob Ysubij Agateka

  • ni bareke ku burgiza abadasigana canne nibemere KO bâ tsinzwe bave mwi higanwa kanatsinda basambuye umugambwe wa bandi.

  • Reka Concilia kubesha amakungu. Kuva kera muri 2010 mu myiyamamazo bavuga ngo :"agakecuru kanje kandekere nakagunze nkareba " harya bavu wewe baribazi ico uzobaviramwo. Umugore ashikiriye menopose aba gito pe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.