Accueil > Amagara y’abantu > Abakenyezi bibaruka ku buntu bakwiye gutanga amazina y’abaganga babasaba (...)
 Abakenyezi bibaruka ku buntu bakwiye gutanga amazina y’abaganga babasaba ruswa
 Abakenyezi bibaruka ku buntu bakwiye gutanga amazina y’abaganga babasaba ruswa
				
				lundi 24 Ruheshi 2013
Mu rukurikirane rw’ibikorwa vy’ubushikiranganji bumenyesha ivyaranguwe mu gice ca mbere c’umwaka, umushikiranganji w’amagara y’abantu n’ukurwanya ikiza ruhonyanganda SIDA, Dr Sabine Ntakarutimana yamenyesheje ko n’aho utugorane tutabuze, ivyaranguwe n’ubushikiranganji arongoye birashimishije.
Umushikiranganji w’amagara y’abantu, Dr Sabine Ntakarutimana yabimenyesheje mu gihe yariko ashira ahabona urutonde rw’ivyaranguwe n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu no kurwanya ikiza ruhonyanganda SIDA, aho akaba yibukije ko umugambi wo kuvuza ku buntu abana bari munsi y’imyaka itanu n’abakenyezi bibaruka ku buntu wabandanije.
Yibukije kandi ko imiti ya nkenerwa yagumye iboneke mu bubiko bwo muri CAMEBU, aho mbere yamenyesheje ko bariko bubaka ubundi bubiko bubiri bw’imiti buzofasha gushingura imiti.
Ku bijanye n’ubumenyi bw’abakozi bo mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu, Dr Sabine Ntakarutimana yasiguye ko akazi gahabwa ababishoboye kandi babinonosoye, yongera amenyesha ko hama hateguwe inyigisho nkarisha bwenge ku bakozi bo mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu.
Naho ivyaranguwe n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu no kurwanya ikiza ruhonyanganda Sida bikengurukwa, Dr Sabine Ntakarutimana amenyesha ko bagiye barahura n’inzitizi nk’ikiza ca choléra n’izindi ngwara ziguma ziyadukiza. Umushikiranganji w’amagara y’abantu no kurwanya ikiza ruhonyanganda Sida amenyesha ko umwanya ico kiza camaze wabaye munini kubera umwanda wibonekeza n’ubukene bw’amazi meza. Ntiyibagiye kwibutsa ko n’amayegereyegere yagumye yibonekeza mu bushikiranganji arongoye yababereye intambamyi.
Ku kibazo c’abaganga boba basaba ko abakenyezi baje kwibaruka bobanza kubapfumbatisha nk’uko vyatanzweko akarorero mu Rumonge, Dr Sabine Ntakarutimana asaba ko uwubibonye yoca yandika izina ry’uwo muganga akarishira mu gasandugu kagenewe kwakira ivyiyumviro n’intererano vy’abarwayi (boîte de suggestion), gutyo uwo icaha kizokwagira agahanwa hakurikijwe amategeko.
Egide Nduwimana
