IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > Karate > Abakina urukino rwa karate baronkejwe imyimenyerezo

Abakina urukino rwa karate baronkejwe imyimenyerezo

lundi 3 Ntwarante 2014

Ishirahamwe ry’urukino rwa Karaté mu Burundi rwaratanguje ku munsi w’ejo kuw’Imana igikorwa co kwongereza ubumenyi no kurondera abakinyi b’urwo rukino bagomba kuja ku rundi rwego. Abakinyi bavuye mu zindi ntara z’igihugu bari baje. Umumenyereza n’umuhinga mvamakungu muri urwo rukino akaba ariwe yabaronkeje inyigisho.

Imikangara y’Uburundi ikina urukino rwa Karate yazindukiye mu kibanza kiri mw’ishuri ry’Abafaransa, aho basanzwe bagirira inkino canke imyimenyerezo. Abo bari muri ico kibanza bari mu myimenyerezo ishira itorwa ry’abazova ku ntambwe ya mbere y’umusipi wirabura baja ku ya kabiri (ceinture noire 1ere Dan) bari kumwe n’abarondera kuja ku ntambwe ya kabiri y’umusipi wirabura (Ceinture noire 2eme Dan).

JPEG - 1 Mo
Nkurunziza Christophe ajejwe ubuhinga mu rukino rwa karate

Christophe Nkurunziza ni umuyobozi w’ubuhinga mw’ishirahamwe ry’urukino rwa Karaté mu Burundi. Amenyesha ko igikorwa batanguje kizomara iminsi itatu, kikazohera ku munsi wa kabiri. Iruhande y’ico gikorwa co kurondera abazoja mu bindi bibanza vy’umusipi wirabura ( 1ere et 2eme Dan Ceinture noire), hazotangwa n’inyigisho kuri bamwe bigisha abandi (entraineurs). Christophe yongera kumenyesha ko abari ngaho batazotorwa kuko harabo bishobora kunanira ariko bazohakura inyigisho. Mwomenya ko Christophe Nkurunziza yambara umusipi wirabura akaba ageze ku rugero rwa 4( 4eme Dan), ari narwo rugero rwa mbere mu Burundi.

Farid ni imvukira y’igihugu ca Omani ariko yavukiye mu Burundi. Yaje kumenyereza urwo rwaruka, akaba avuga ati : " Uburundi bugeze kure mu rukino rwa karate kuko bumaze kuronka imidari mwinshi yo mu karere ka 5 (Zone 5)". Yongera avuga ko hari n’abahora bigisha abandi mu rukino bazohiganwa kugira baje ku rundi rwego. Ivyo rero ni ibizokorwa muri iyi minsi itatu.

JPEG - 1.1 Mo
Farid ariko atanga inyigisho muri karate

Farid, uwo mumenyereza mpuzamakungu yaje gufasha abarundi mu myimenyerezo ageze ku rwego rw’indwi (7eme Dan). Mwomenya ko urwego rwa nyuma ntarengwa mu rukino rwa karaté ari urw’icumi (10eme Dan).


Chérif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.