Accueil > Amagara y’abantu > Abana barakira ingwara ya asima imbere y’imyaka 12
 Abana barakira ingwara ya asima imbere y’imyaka 12
 Abana barakira ingwara ya asima imbere y’imyaka 12
				
				mardi 18 Ruheshi 2013
Inkorora hamwe no kwasamura n’ivyo bimenyetso vy’ingwara ya asima, ingwara isaba kuvurwa igihe kinini cane. Ariko rero, hari abakira giturumbuka ubwo nyene haba ku bana canke ku bakuze.
Ivyo bikaba vyamenyeshejwe n’umuganga Francois Ndikumwenayo avura ingwara zijanye no guhema ku bana. Yabivuze umusi umwe imbere y’ihimbazwa ry’umusi mukuru wahariwe kurwanya asima hamwe n’itabi, umusi uhava uhimbazwa kuri uwu wa kabiri igenekerezo rya 18 Ruheshi muri komine Bukeye, intara ya Muramvya.
Twobamenyesha ko iyo misi mikuru isanzwe ihimbazwa kw’igenekerezo rya mbere ukwezi kwa Rusama n’igenekerezo rya 31 Rusama. 
Muganga Francois Ndihokubwayo arangiza amenyesha ko ku bice 80 vy’abarwaye ingwara ya asima, abana barakira iyo ngwara imbere y’imyaka 12.
Floxella Karire

Messages
6 Ntwarante 2015, 19:55, par ndayizeyegilbert
murutana ngo hoba hari umuganga avura asima ko mbona abantu baho mbaye baja kwivuzayo!
6 Ntwarante 2015, 19:55, par ndayizeyegilbert
murutana ngo hoba hari umuganga avura asima ko mbona abantu baho mbaye baja kwivuzayo!