IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Abantu 2500 nibo bamaze kwicwa na Malaria mu mezi umunani y’umwaka (...)

Abantu 2500 nibo bamaze kwicwa na Malaria mu mezi umunani y’umwaka w’2016

vendredi 2 Nyakanga 2016, par Egide NDUWIMANA

Ibiharuro vyo mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu vyerekana ko ingwara ya Malaria mu Burundi ariyo yica abantu benshi kuruta izindi ngwara zose, iyo ngwara ikaba yiyongereye mu mwaka uheze hagati y’ukwezi kwa kane n’ukwezi kwa gatanu, hamwe no hagati y’ukwezi kwa cumi na rimwe n’ukwa cumi na kabiri. Ivyo biharuro bivuga ko Malaria imaza kwica abantu barenga 2500, kuva mu ntango z’umwaka w’2016.

Mu kiganiro umuvugizi w’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu yahaye abamenyeshamakuru kuri uwu kane, yamenyesheje ko muri ivyo biharuro vy’abahitanwe na Malaria muri uwu mwaka w’2016, biboneka ko abantu barenga 10 ku munsi aribo bicwa n’iyo ngwara.

Muganga Thadée NDIKUMANA, umuvugizi w’ubwo bushikiranganji yamenyesheje ko urugero rw’ivyo biharuro ruri hejuru cane agereranije no mu mwaka uheze, kuko ibitigiri vy’uno mwaka ku mezi umunani gusa bingana n’ivy’umwaka wose w’2015.

JPEG - 104.5 ko
Muganga Thadée NDIKUMANA (hagati), umuvugizi w’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu

Ubwo bushikiranganji buvuga ko kuva mu ntango z’umwaka w’2016, abantu barenga imiriyoni zine aribo bafashwe n’indwara ya Malaria, ni ukuvuga hafi ibice 40 kw’ijana vy’Abarundi bose.

Muganga Thadée NDIKUMANA asaba abanyagihugu kwikingira hamwe n’ukwivuza hakiri kare iyo bibonyeko ibimenyetso vy’iyo ngwara. Mu gihe ubushikiranganji bw’amagara y’abantu buvuga ko Malaria yiyongereye mu mwaka uheze hagati y’ukwezi kwa cumi na rimwe n’ukwa cumi na kabiri, ico kiringo naco kikaba cimirije, ubwo bushikiranganji bumenyesha ko butegekanya gutunganya isekeza ryo gupompa mu ngo imiti yica imibu, hamwe n’ugutanga imisegera irimwo imiti yica imibu.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.