IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Ibiza > Abantu 37 baramaze gufatwa n’ikiza ca kolera

Abantu 37 baramaze gufatwa n’ikiza ca kolera

lundi 22 Ndamukiza 2013

Indwara ya kolera irabandanya yiha inkumbi mugisagara ca Bujumbura no mu ntara ya Cibitoke.
Abantu bagera kuri 37 baramaze gufatwa niyo ndwara nk’uko tubishikirizwa n’ibitaro vya Umwami Karori,ivuriro ryo ku musaga,no mu bitaro vyo mu cibitoke.

Iyo ndwara itegwa n’isuku rike, iramazekwiha inkumbi kubera ingorane zo kubura amazi mu gisagara.

Umushikirangaji w’amagara y’abantu,muganga Sabina Ntakarutimana yamenyesheje kuri uyu wa mbere, ko abahinga bose mu bijanye n’isuku hamwe na magara y’abantu ,bagiye kw’icara hamwe batore imigambi yo gutuza ico kiza.
Ivyo vyamenyeshejwe mw’ isubiramwo ry’ivyaranguwe n’ ubwo bushikirangaji.


Digne hornette GAKIMA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.