Accueil > Amagara y’abantu > Abantu imiriyoni zitanu nibo bicwa n’itabi uko umwaka uheze
 Abantu imiriyoni zitanu nibo bicwa n’itabi uko umwaka uheze
 Abantu imiriyoni zitanu nibo bicwa n’itabi uko umwaka uheze
				
				mercredi 15 Rusama 2013
Uko umwaka utashe, abantu imiriyoni zitanu baritaba Imana biturutse ku ngarukambi ziterwa n’itabi nk’ukuko bimenyeshwa n’ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe ivy’amagara y’abantu kw’isi OMS.
OMS isigura ko uko ama segonda atandatu aheze, umunywi w’itabi umwe apfa .
Ivyo bikaba vyavuzwe n’intumwa z’ishirahamwe mpuzamakungu riraba ivy’amagara y’abantu kw’isi OMS, mu nama izo ntumwa zirimwo i Bujumbura kuva ku munsi wa mbere, igenekerezo rya 13 Rusama 2013, aho ndetse babonanye n’abagize Leta y’Uburundi hamwe n’abari mumashirahamwe ataho yegamiye mu vya politike.
Izo ntumwa zivuga ko igihugu c’Uburundi kiri mu bihugu bitahura ingarukambi ziva kw’itabi mu ngo n’imiryango, kuva mu mwaka w’2005, aho Uburundi bwashiraho itegeko rigenzura ibijanye n’itabi.
Abarundi rero basabwa guhagarika kunywa itabi kuko rititura ubuzima bw’abantu ndetse ko abandi benshi bitaba Imana kubera itabi, mu gihe amafaranga yagenewe amagara y’abantu menshi aja mu gikorwa co kurwanya indwara ziva kw’itabi.
Floxella Karire
