IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Abanyagihugu bibukijwe ko ingwara y’imibembe icibonekeza mu Burundi

Abanyagihugu bibukijwe ko ingwara y’imibembe icibonekeza mu Burundi

dimanche 31 Nzero 2016, par egide

Mu gihe ingwara y’imibembe icibonekeza mu ntara zimwe zimwe zigize igihugu c’Uburundi, mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu bahimiriza abanyagihugu kunyarukira kwipimisha iyo bibonyeko ibimenyetso ku mubiri wabo.

Uko umwaka utashe, isi yose ufata umunsi w’Imana urangiza ukwezi kwa mbere nk’umunsi wahariwe kurwanya ingwara y’imibembe. Mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu bamenyesha ko ari umunsi w’ugusubira guhimiriza abantu ntibibagire ko iyo ngwara ikiriho, na cane cane basubire kwibukanya ko abarwayi b’iyo ngwara badakwiye gukumuirwa.
Icivugo c’uwu mwaka ni Dukore ibishoboka vyose kugira abarwaye ingwara y’imibembe basubire kugira agateka nk’abandi .

Uwo munsi uhimbajwe mu 2016 mu gihe biboneka ko ibitigiri vy’abarwaye iyo ngwara vyiyongereye. Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu busaba abari mu ntara zibonekezamwo ingwara y’imibembe ko bokwihutira kwipimisha vuba bakibona ibimenyetso vyayo.

Mw’itangazo ryasohotse kuri uwu w’Imana uhereza ukwezi kwa mbere, Muganga Josiane NIJIMBERE, umushikiranganji w’amagara y’abantu n’ukurwanya ikiza ruhonyanganda SIDA yibukije ko imibembe ari ingwara yandukira, cane cane biciye mu muyaga. Ibimenyetso vyayo akaba ari amabara yo ku rukoba ameze nk’urubandu. Uwuyirwaye aradadarara intoke n’amano ku buryo naho yosha atovyumva, akongera akagira ibikomere.
Ingwara y’imibembe itavuwe kare igira ingaruka mbi, kuko ibirenge, amano n’intoke biracika, iyo ngwara igashobora gutera n’uruhumyi uwuyirwaye.

Izo ngaruka mbi zituma umunyamibembe yinubwa, kandi agakumirwa mu muryango no mu kibano.

Mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu bavuga ko iyo ngwara mu Burundi icibonekeza, kandi n’ibitigiri bikaba bibandanya kwiyongera. Mu mwaka w’2011, amavuriro yapimye abangana n’445, mu mwaka w’2014 naho, abarwayi bayisanganwe akaba ari 496. Intara zikirimwo imibembe nazo ni Rutana, Bururi, Rumonge, Cibitoke, Bubanza hamwe na Makamba.

Abanyagihugu baba mu ntara zibonekamwo iyo ngwara hamwe n’abandi bose bagasabwa kwipimisha mu gihe cose bibonyeko ibimenyetso canke amabara ameze nk’urubandu ku mubiri.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.