Accueil > Diaspora > Abanyekongo baba mu Burundi barashimishwa n’urugendo rw’umukuru w’igihugu (...)
 Abanyekongo baba mu Burundi barashimishwa n’urugendo rw’umukuru w’igihugu cabo
 Abanyekongo baba mu Burundi barashimishwa n’urugendo rw’umukuru w’igihugu cabo
				
				dimanche 28 Mukakaro 2013
Abanyekongo baba mu gihugu c’Uburundi bavuga ko umunezero ari mwinshi kubona umukuru w’igihugu cabo Denis Sassou N’Guesso ari mu rugendo rwiwe mu Gihugu c’Uburundi.
Abanyekongo baba mu Burundi rero bavuga ko, bagiye kwakira umukuru w’igihugu cabo kugira bamwereke ko mu Burundi bariho. Ikindi bavuga, ni ukwo kubona Sassou N’Guesso ari i Bujumbura vyerekana imigenderanire myiza iri hagati y’ivyo bihugu.
Bavuga ko ingorane bahora bagira iyo bashaka kuja iwabo na rirya atabuserukizi bwari buhari, igiye kugabanuka na rirya ikibazo c’ubuserukizi bw’ivyo bihugu cavuzwe.
Ubu bavuga ko bagiye kuzoza baroroherwa kugenda ndetse bagaruka,kuko n’indege izoshobora kwunguruza ingenzi izotangura gukora mu kwezi kwa Gitugutu.
Abo banyagihugu barashima ukwo babanye n’abarundi, kuko atangorane n’imwe baterwa n’abavukanyi babo b’abarundi, kandi bakabandanya bavuga ko ico bafise bagisangira. Brashimishwa n’amahoro yagarutse mu gihugu c’Uburundi, narirya mu gihe c’intambara nabo nyene basimbwa n’umutima nk’uko bagenzibabo b’abarundi baba bari mu ngorane z’uguhunga n’ibindi. Twobibutsa ko ku kibuga c’indege mpuzamakungu c’i Bujumbura, abanyekongo baba mu Burundi bari bakubise harazima, umunezero nawo ukaba wari mwinshi.
Floxella Karire
