IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Diaspora > Petero Karaveri yashimiwe mu baharanira agateka ka zina muntu muri (...)

Petero Karaveri yashimiwe mu baharanira agateka ka zina muntu muri EAC

mardi 27 Gitugutu 2015, par Jean De Dieu


Petero Karaveri Mbonimpa asanzwe arongoye ishirahamwe ryitaho agateka ka zina muntu n’akabanyororo APRODH niwe yaronkejwe agashimwe k’abaharanira agateka ka zina muntu muri Afrika y’Ubuseruko (Pan-African Human Rights Defenders schield Award 2015)

Ako gashimwe uyo mutama w’imyaka 66 aharanira agateka ka zina muntu n’akabanyororo mu Burundi yaronse, kakaba katangiwe mu gihugu c’Ubuganda ku murwa mukuru wa Kampala. Petero Karaveri Mbonimpa akaba yaserukiwe n’umunyamabanga nshingwabikorwa wa APRODH Fabiyano Sinankwakure ari kumwe n’umwe mu bana biwe asanzwe yahungiye muri ico gihugu, Amandine Nasasagare.

Ibirori vyitabwe n’abantu isinzi barimwo abaharanira agateka ka zina muntu muri Afrika y’Ubuseruko, abo mu bice bindi vyo ku mugabane wa Afrika, eka na Buraya.

Tukabamenyesha ko ako gashimwe, Petero Karaveri Mbonimpa akaronkejwe mu gihe ariko avurirwa mu bitaro bimwe vyo mu gihugu c’Ububirigi, inyuma y’aho ahatswe kugandagurwa arashwe kw’itama mu Carama ariko arataha i muhira iwe. Iyo ariko aravurirwa, akaba yemeza ko, niyatora mitende azoca agaruka mu Burundi kubandanya igikorwa yishinze co guharanira agateka ka zina muntu n’akabanyororo.


Nizigire Aristide

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.