IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Diaspora > Allemagne:Abarundi batumirira kwitaba imyiyerekano yo kuwa 20 (...)

Allemagne:Abarundi batumirira kwitaba imyiyerekano yo kuwa 20 Ruheshi

mardi 16 Ruheshi 2015

Abarundi baba mu gihugu c’Ubudagi,bari kumwe n’Umurwi yo gushigikirana no gukurikirana ikibazo c’Uburundi,bahamagarira abarundi baba mu budagi kwitaba imyiyerekano itegekanijwe mu Budagi kuwa gatandatu,igenekerezo rya 20 Ruheshi,2015.

Nk’uko biri mw’itangazo dukesha ikinyamakuru Bujanews, iyo myiyerekano bayitunganije, mu ntumbero yo kwerekana ko badashigikiye ukwitoza k’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza kudakurikije amategeko.

Iryo tangazo rivuga kandi ko iyo myiyerekano yatunganijwe mu ntumbero yo kwiyamiriza ubwicanyi bukorerwa abagira imyiyerekano ata kirwanisho bafise,ihonyangwa ry’itegeko nyamukuru ry’igihugu ririko rikorwa n’umukuru w’igihugu,hamwe no gusaba igihugu c’Ubudagi ko covuga ku mugaragaro ko kidashigikiye ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu.

Iyo myiyerekano izotangura isaha zitandatu z’umuhingamo,mu kibanza Bleslauer mu gisagara ca Cologne,ihere isaha icenda.
Iryo tangazo ryibutsa abazokwitaba imyiyerekano bose kwitwaza ifirimbi,yo kuvuza mu ntumbero ko urukino rurangiye.


IGIHE

Messages

  • Kobatababwiye ngo bitwaze amapine yoguturira.ngwabari mumyiyerekano ntabigwanisho bafise?ivyasahuwe muri BSR bifiswe nande.canke barabisubije? Komutatubwiye?

  • Komera Barundi Muri Mubudagi Iyegeranye Muze Nimwe Mwokiramutswa Nuko Muriyo Kandi Musabe Nimfashanye Iteramanyama Peter Bayihagarike Ndabicashoye Ok Komera Barundi Muri Mubudagi Iyegeranye Muze Nimwe Mwokiramutswa Nuko Muriyo Kandi Musabe Nimfashanye Iteramanyama Peter Bayihagarike Ndabicashoye Ok John

  • Komera Barundi Muri Mubudagi Iyegeranye Muze Nimwe Mwokiramutswa Nuko Muriyo Kandi Musabe Nimfashanye Iteramanyama Peter Bayihagarike Ndabicashoye Ok Komera Barundi Muri Mubudagi Iyegeranye Muze Nimwe Mwokiramutswa Nuko Muriyo Kandi Musabe Nimfashanye Iteramanyama Peter Bayihagarike Ndabicashoye Ok John

  • Ati Tuzobwira Ubudagi Ko Buvuga Ko Budashigikiye Ukwitoza Kwa Nkurunziza Nibaze Ko Atarabana Baterwa Ibintu Mu Rushinge Nabo Nyene Barondera Ku Gahato Abavuga Ivyo Bashaka Niba Arico Bariko Bazunguruka Isi Babura Kuja Mu Myiyamamazo Ngobatsindamatora

  • Umuti Sukuja Mwibarabara,n’ibiganiro.

  • Umuti Sukuja Mwibarabara,n’ibiganiro.

  • Mwibuke nokuzoturira abantubabona nihomuzobamuriko muriyamiriza Nkurunziza vyukuri. Ikindi ntimuzokwibagire noguturira amamodoka.

  • MUBIKORE MUTIBAGIRA GUSENGERA UBURUNDI NABARUNDI ISAHA IGERE DUTARWE UGUTACRWA KU BURUNDI!KUZOVA KUMANA.

  • Ahubwo ntasoni mugira.gezaho gucafza igihgu ccu,iyo myiyrekno izofshiki m8termber ryighugu cnke mukubho kwumrundi?nn aho mubdagi bazbemerra gutrira amapn?nimuv ibuzmu mujbuntu muz twubke ighugu ccu kko akmuhna kza imvra ihse!!

  • Abavuga ikinyagwanda muragabe,uwo bazofata bazomuturira baziko ari fdlr.
    ndazi ko mu budage abakivuga buzuye,ntimuze musohoke mu mazu.
    namwe musa n imbonerakure muragowe kuko bashobora kuzobaturira kurya babikora i Bujumbura,donc nobasaba kutiyereka abo bagumutsi.

  • komera ntakidahera nuyumugabo IMANA izomudukurako

  • muribuka pneux na drogue kugra mugire moral nukurinda nkumugwayi womumutwe. imu burundi muriko mugabisha ngo bahunge intambara ya le 20/6, namwe ngo muzoba muri mwibarabara mushigikire abariko bakora amaraso?
    bandanya imigambi yanyu yose twarayimenye, ibuye riserutse ntiriba ricishe isuka. mbabajwe nuko mushuka abana babarundi batagira iyo bahungira namwe mwiryamiye akaguru kukandi, mwikoboye, muhaze icoyimena!

  • navako,ntacoyamariye,abanyagihu,yakimariye.abobasangiye,kunyaga,igihugu!

  • nareke,guturaguza,abanyagihu,icokiringo.sicogwiwe,nimana,ntivyera,yaramukuyeko.amaboko!

  • Nibaza ko bokwiruhukira kuko nomuburundi imyiyerekano yaraheze akazi karakorwa ukuri kwamye.

  • TURABASHIGIYE CANE,KURIYO SANGO NYENE YA 20/6/2015 ISAHA ZITANDATU NANJENYENE AHO NDOBANDI NDOBA NDIKO NDAVYINA NIFATANYA NAMWE KUKO LETA Y’UBURUNDI YANANIRANYE PE.

  • NNE GA YEMWE UBU UMENGO GUKORA IVYAHA BIRAREKUWE!EGO AMATORA AZOBA MAIS BAMWE TUZOYAJAMWO KUGIRA IMBONERAKURE NTIZITUMESE!!!NIMUYIKORE MEHO NKEKA YOBUMVIRA!MBE KAKUNDA KUVUGA NGIZN NTUMVA NAWE NINTUVA KKO ATUMVA IVYO BAMUHANURA!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.