Accueil > Amagara y’abantu > Abapfasoni bagendana ubumuga ntiboroherwa mu kibano
 Abapfasoni bagendana ubumuga ntiboroherwa mu kibano
 Abapfasoni bagendana ubumuga ntiboroherwa mu kibano
				
				mercredi 12 Ruhuhuma 2014
Abakenyezi bagendana ubumuga bavuga ko bahura n’ingorane zitandukanye mu kibano ndetse no mu muryango. Iyo bubatse naho, imiryango yo kwa ba sebukwe, nayo nyene ntiheza ngo ibakirane impundu, kuko usanga ibona ko umuhungu wabo ahomvye, mu kwubakana n’uwugendana ubumuga.
Umwe mu bapfasoni bamugaye avuga ko yubatse kandi avyaye gatatu. Yavutse akomeye, maze ashikanye imyaka indwi, aca akomorwa n’inzoka ku kuguru kw’iburyo hafi y’ivi. Ico gihe yagira iryo sanganya yiga mu mwaka wa kabiri w’amashure y’intango. Abavyeyi biwe bamaze kubona ko bigenze ukwo afatanye n’ubumuga, bakaba baciye bipfuza kumugumiza muhira kugira ntabandanye amashure, ariko kubera yari umwana aciye ubwenge, yarabandanije, araheza amashure mato, mu nyuma aca aja mw’ishure ry’abagendana ubumuga ry’i Kiganda, mu ntara ya Muramvya. Amaze kuhashika, akahahurira n’abandi, avuga ko yasanze ati umwe agendana ubumuga.
Uyo mupfasoni rero akaba avuga ko yabandanije ariga ibijanye n’ukubarira, mu nyuma ashirako amashure y’ubukarani ubu Imana yaramuhaye akazi, akaba ashobora gutunga umuryango wiwe, akariha inzu, agafasha batoya biwe kwiga amashure, eka ndetse n’abavyeyi biwe akaba abafasha. Amenyesha ko mu kibano kenshi bishika aho umuntu agendana ubumuga bamuturubika, bakabona ko ataco ashoboye, ariko uyo mupfasobni we abona ko ukwo ari ukwihenda, kuko naho agendana we ubumuga, kitamubuza ko yibaruka abana bakomoye, kandi akabashikana nk’abandi bavyeyi.
Amenyesha ko n’aho kigeze gucamwo bikamera nabi mu kibano kubera ubwo bumuga, amaze kwibaruka abana, Imana ikamuha abakomeye batagira ubumuga, vyatumye akundwa n’umuryango wo kwa sebukwe, ubu akaba yubatse neza. Asaba abavyeyi n’abandi, kutanka umwana canke ngo aturubikwe kubera ubumuga, kuko atawe buza abushaka. Gusa, abavyeyi n’abandi boheza bagashigikira mwene abo bana, kugira bige, bashobore kuziteza imbere muri kazoza.
Aristide Nizigire
